Accueil > Amakuru > ishirahamwe > EALA yashikirije uko yakiriye ikibazo c’abashingamateka b’Abarundi batitavye (...)
EALA yashikirije uko yakiriye ikibazo c’abashingamateka b’Abarundi batitavye ibikorwa
mardi 7 Ntwarante 2017, par
Inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko yamenyesheje ko kubona ibikorwa vy’iyo nama vyabaye abashingamateka baserukira Uburundi badakwiye, ko ata kibazo na kimwe biteye kubera igitigiri c’abaserukiye Uburundi bitavye ivyo bikorwa gikwiye kugira ingingo zikenewe zifatwe.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Daniel Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, yavuze ko kuba hari Abarundi batitavye iyo nama, bitabuza ko ibikorwa bibandanya.
Daniel Fred Kidega yibukije ko amategeko agenga iyo nama nshingamateka itegekanya ko ibikorwa bishobora kubandanya ukuri kwamye, n’ingingo zigafatwa, mu gihe igihugu kimwe mu bigize iyo nama nshingamateka kiba caserukiwe n’abashingamateka batatu.
- Daniel Fred Kidega, umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko (EALA)
Daniel Fred Kidega aranegura ariko kubona abashingamateka batanu b’Abarundi bagaragaje ko batizeye umutekano wabo mu Rwanda, mu gihe Urwanda rwari rwijeje ko umutekano ucungerewe neza ku butaka bw’Urwanda. Uwo arongoye iyo nama nshingamateka akavuga mbere ko yari yavuganye n’Urwanda kugira abashingamateka bazokwitaba iyo nama bazoshikire mu mahoteri atekanye.
Abashingamateka 5 kuri 9 baserukira Uburundi mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko baheruka kubwira uwo atwara iyo nama ko batazokwitaba ibikorwa vyayo bitegekanijwe kubera mu Rwanda. Abo bashingamateka bavuga ko umutekano wabo utoba wubahirijwe kubera imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda itifashe neza.
Abo bashingamateka batanu bose ni abo mu mugambwe CNDD FDD. Abo nabo ni : Emerence Bucumi atwara umurwi w’abashingamateka b’Abarundi muri Afrika y’ubuseruko, Leonce Ndarubagiye, Emmanuel Nengo, Ndahayo Isabelle hamwe na Muhirwa Jean Marie aheruka kuja gusubirira umupfasoni Afsa Mossi yiciwe i Bujumbura mu mwaka uheze.
Bane bitavye ivyo bikorwa ni : Ambassadeur Jeremie Ngendakumana, Ngenzebuhoro Frederic K, Dr Martin Nduwimana hamwe na Nsabimana Yves.
IGIHE
Messages
7 Ntwarante 2017, 14:40, par nzinahora vital
iyo ubonye umutekano wawe udakwiye umenya numwanzuro wogufata ariko byaba bibabaje nibyaba arukuri uwomutekano utari uhari nkaperezida winama yarakwiye kugenda yizeho ico kibazo kugira ntikizôgere
7 Ntwarante 2017, 15:53, par Nkurumbi
Abo bandi bari gutera amavoka na sebuja wabo RUTWE.
7 Ntwarante 2017, 16:35, par Burikukiye
Aba Deputes batagiye mu Rwanda birazwi ko bishe abantu muri Genocide yo muri 1994,bazofatwa tout
7 Ntwarante 2017, 21:35, par Nem
Birakabona Babihevye Ntibajeyo . Kagame Aba Rundi Twaramuhinyuye Ingene Aguma Ahemba Abaza Kwica Bene Wacu . Mugabo Amenyeko Adasumba Imana .
7 Ntwarante 2017, 21:36, par Nem
Birakabona Babihevye Ntibajeyo . Kagame Aba Rundi Twaramuhinyuye Ingene Aguma Ahemba Abaza Kwica Bene Wacu . Mugabo Amenyeko Adasumba Imana .
8 Ntwarante 2017, 10:02, par Jew jo
Mbega uubundi bitaba iki abo ba dd-FDLR ko ata nimitwe bagira. Abagiye barize bafise ico baterera bitavye Mr dd yo na Sebuja wabo Nkurumbi ntarenga imbibe. Sinzi nico boba bagiye gukora. Vyiza bosiba kuko n impehe nsa gatinya shengero imbwa Z ishamba.
9 Ntwarante 2017, 19:42, par Kanyosha
Mbebashahu umubiligi nawe yarinze abona umuntu nka Kagame akunda amahera cane akenera gukora ivyobanubwiye amahera bazoyamumarikako ngwarinazo ashaka kubashikanako ariko nikarindire tugasome neza kazoburiramwo vyose kazosanga kariteranirike ubusa kubany’Africa.