IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Econet Leo yatanze imifuko ijana y’isima yo gufasha kwubaka ikibuga c’i (...)

Econet Leo yatanze imifuko ijana y’isima yo gufasha kwubaka ikibuga c’i Muramvya

samedi 21 avril 2018

Ibikorwa vy’iterambere rusangi ku kibuga citiriwe Ubwami c’I Muramvya, vyitabwe n’abakozi b’ishirahamwe Econet Leo, vyari vyitabwe n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi, abashingamate batowe muri iyo ntara, uwahora ari umushikiranganji w’ibidukikije yavuka muri iyo ntara, abanyagihugu hamwe n’abakozi b’ishirahamwe Econet Leo.

Yaba musitanteri wa komine Muramvya canke umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Muramvya, bashimiye ishirahamwe Econet Leo ku ntererano y’imifuko 100 y’isima yatanze, kuko yatumye ibikorwa bigenda neza kuri ico kibuga.

Vy’umwihariko, umuhanuzi mukuru wa buramatari Ali Kassim, yasavye ishirahamwe Econet Leo ko hamwe umwimbu ugenze neza ryobandanya ribashigikira,kuko aho mu ntara ya Muramvya basazwe bakoresha na terefone ngendanwa za Econet Leo ku rugero rushimishije.

Ku ruhande rwiwe BUKENE Célestin yaserukiye ishirahamwe Econet Leo, yavuze ko ari umunezero kuba bashitse kwifatanya n’abanyamuramvya mu bikorwa vy’iterambere, aca asigura aho igikorwa cakozwe gitandukaniye n’urudandazwa, kuko Econet Leo yatahuye ko ata terambere rishoboka abanyagihugu batarimwo.

Ati : « Ni umunezero kuba twaje hano i Muramvya kwifatanya namwe mu bikorwa vy’iterambere. Ntitwaje kudandaza, ariko twaje kubafasha mw’iterambere. Agakemanyi twazanye nimwe mwakihaye kuko muterefona. »

Nk’uko yabisabwe n’umuhanuzi mukuru wa buramatari w’intara ya Muramvya, BUKENE Célestin yaserukiye ishirahamwe Econet Leo, yemeye ko umwaka wa 2018 utarahera, bazosubira muri iyo ntara kuhakorera ibikorwa vy’iterambere rusangi.

BUKENE Célestin yasavye abanyamuramvya kubandanya bakoresha umuhora wa Econet Leo, kugira nabo babandanye baza kubashigikira.

Ishirahamwe Econet Leo riramaze guterera mu zindi ntara mu bikorwa vy’iterambere, nko mu ntara ya Bujumbura, mu Cibitoke, I Bubanza, mu Rumonge n’I Makamba.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.