IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Eloge Willy KANEZA yashikirijwe agashimwe mpuzamakungu kitiriwe Peter (...)

Eloge Willy KANEZA yashikirijwe agashimwe mpuzamakungu kitiriwe Peter Mackler

vendredi 14 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Umumenyeshamakuru Eloge Willy KANEZA yahora akorera insamirizi BONESHA FM ubu akaba akorera IJWI RYA AMERIKA i Bujumbura yashikirijwe agashimwe mpuzamakungu gahabwa umumenyeshamakuru yagize umwete n’ubuhinga kurusha abandi mu mwuga w’ukumenyesha amakuru. Ibirori vy’ukumushikiriza ako gashimwe vyabereye i Washington, muri Reta zunze ubumwe za Amerika, mu nyubakwa za "National Press Club".

Ako gashimwe kahawe Eloge Willy KANEZA muri uwu mwaka w’2016 kitiriwe Peter Mackler, uwo nawe akaba ari umumenyeshamakuru yahora arongoye itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubufaransa (AFP) muri Amerika, akaba yitavye Imana giturumbuka mu mwaka w’2008.

Uwo Peter Mackler yarakoreye kandi ibimenyeshamakuru bitandukanye kw’isi, ndetse akaba yaranditse n’ibitabu bitandukanye.

Ako gashimwe katanguye gutangwa mu mwaka w’2008, kagatangwa uko umwaka utashe ku mumenyeshamakuru yarushije abandi mu gukorana umwete n’ubuhinga.

Eloge Willy KANEZA w’imyaka 34 asanzwe kandi ari mu batanguje SOS Médias Burundi, ihuriro ry’abamenyeshamakuru b’Abarundi bagiye hamwe kugira batange amakuru yizewe kandi yatohojwe, inyuma y’iturirwa ry’amaradiyo ryakurikiye ugushaka gutembagaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Ahejeje guhabwa ako gashimwe, yamenyesheje ko bamuteye intege mu bikorwa vyiwe, hamwe na bagenzi we b’abamenyeshamakuru. Eloge Willy KANEZA yashikirije ko ako gashimwe ari umwizero ko Uburundi buzokira ibikomere bufise.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.