IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > FENADEB isaba ababishoboye gufasha abana bazosubiramwo ikibazo ca (...)

FENADEB isaba ababishoboye gufasha abana bazosubiramwo ikibazo ca Reta

dimanche 15 Nzero 2017

Urunani rw’amashirahamwe yishinze gukingira agateka k’abana FENADEB rusaba ko abafise ico baterera mu guteza imbere no gukingira agateka k’abana gufasha gukurikirana abana bazosubiramwo ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’amashuri yisumbuye.

Nkuko bishikirizwa n’umukuru w’Urunani FENADEB hamwe abashobora gufasha bose bobishiramwo uruhara,abanyeshuri bazosubiramwo ikibazo gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’amashuri yisumbuye bokora ico kibazo bafise ivyizigiro vyo kugitora.

Urunani FENADEB rumenyesha ko mu gihe,ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta hamwe n’abafise ico baterera batokorera hamwe, ishure nshingiro rizosohorera mw’ibarabara abana bashika ibice 40 kw’ijana ,ivyo navyo bikazotuma abana benshi birukira ibisagara,bikagira ingaruka mbi cane.

Kubwa FENADEB,ni ngombwa ko Reta yegera abafise ico boterera mu guteza imbere no gukingira agateka k’abana,mu ntumbero yo gufasha neza gukingira agateka k’abana.

Urunani rw’amashirahamwe yishinze guteza imbere agateka k’umwana,aheza amenyesha ko gukingira agateka k’umwana ari igikorwa c’umuntu wese,kandi ko FENADEB yiteguye gukorana n’abarongozi b’igihugu,mu guterera ku neza y’abana.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.