Accueil > Amakuru > u Burundi > FENADEB isaba amakungu gushigikira Uburundi mu kurwanya urudandazwa (...)
FENADEB isaba amakungu gushigikira Uburundi mu kurwanya urudandazwa rw’abigeme
vendredi 8 juin 2018
Aho ari mu nama ya mbere mpuzamakungu ku bijanye n’ugukingira abana mu bukerarugendo n’ugutembera, iriko ibera i Bogotá en Colombie, yasavye amakungu gushigikira utwigoro two kurwanya urudandazwa rw’abana b’abakobwa.
Jacques NSHIMIRIMANA yitavye iyo nama nk’uwuserukira Uburundi kw’izina ry’ishirahamwe FENADEB.
Iyo nama ikaba yabaye kuva kw’igenekerezo rya 6 gushika kurya 7 Ruheshi.
MUGISHA Van Naris