IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FIDH iranegura ugushaka kwa Reta kw’ukwirukana abarorerezi bari bizewe mu (...)

FIDH iranegura ugushaka kwa Reta kw’ukwirukana abarorerezi bari bizewe mu Burundi

jeudi 13 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Urunani mpuzamakungu rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu ruriyamiriza ingingo yafashwe na Reta y’Uburundi y’uguhagarika imigenderanire yahora ihari hagati ya Reta y’Uburundi hamwe n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu.

Florent Geel ajejwe Afrika mu runani mpuzamakungu rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yamenyesheje ko Reta y’Uburundi ishaka kwiruka abarorerezi b’abateka ka zina muntu bizewe bari bakiri mu Burundi. Kubw’urwo runani, Reta ishaka kwikura ku makungu, kugira amabi akorwa ntamenyekane.

JPEG - 45.8 ko
Florent Geel ajejwe Afrika mu runani mpuzamakungu rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu

Mu gihe iyo ngingo yafashwe inyuma y’icegeranyo ONU yasohoye ku gateka ka zina muntu mu Burundi, urunani mpuzamakungu rw’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu rusaba Reta y’Uburundi ahubwo ko hako yokwikura mu gisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu, ko yotanga insiguro kuvyo yagirizwa.

Reta y’Uburundi iheruka gufata ingingo y’uguhagarika imigenderanire hamwe n’ugukorana n’igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi.

Nk’uko vyashikirijwe na Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi, iyo ngingo yafashwe kubera uruhara rw’ico gisata ca ONU, mu cegeranyo giheruka gusohka ku Burundi, muri Reta bakavuga ico cegeranyo cuzuyemwo ibinyoma.


IGIHE

Messages

  • nibatuvireho kuko niwabo biracika ariko bakifatira igihugu cacu kuki iwanyuho mutavuga mugashaka kwigatira abanyafrica gusa

  • Aaaaahhhh abazungu baratanguy kubabatwa nakamwamwafu reta yacu y’Uburundi ibacishijeko mukwirukana byabisambo byibikoloni ngo bijejwe agateka ka zina muntu harakantu naho yokugara ibiro byabo ndakej reta yacu komerezaho banyakubahwa.

  • twarabahinyuye basha ntimukiduhenda mwabaswamwe babazungu cana amategeko iwanyu twebwe twarikukiye

  • Ayomajambo yabazungu atagira ibikorwa twarayahaze ahubwo namwe nukwivugisha mufatikanije nakarwi kaba dd ka nkuru kuko ntivyumvikana kuva aho mwakavugiye akabasuzugura suko ya barushije inguvu ahubwo mwese murikimwe twarabahinyuye ubu ahubwo hageze ko natwe ya mariye abacu dutangura kwirwariza kandi tweho uwuzoza kutwitambika imbere tuzomukomesha kurusha uko wewe ariko arabakomesha

  • Mwaramaze kumaramara sinzi ukwomuzosubira kugirirwa icizere nukuri mwahinyutse.
    Umva ndababwire abagenzi: CPI hariho ibihuguvyishi itarimwo yaba mubikenye birimwo ingorane canke ibikize none uburundi bugiye muruwomurwi utari muri CPI uwomugabo acavugango nibara riguye!?
    Bicavyibonekeza ko akazikanyu kazobakagize ibibazo kuko igihugu caborohera kurenentaniriza kugira muronke ivyomwerekanirako komurikukazi kandi mufise akazikeshi muzoba mukibuze, reka muje ahabona nimwebwe mwaraye muvyiteye.

  • FIDH ndabakengurukiye,nimutange rapport final hama mendats d’arrets zisohoke, abenshi mubarongozi baba DD iminsi mikuru ya Noel bazoyirira mu gasho i la haye,bon travail FIDH

  • ha gupfa uno musi tuzopfa ejo reta yacu turayishigikiye kuko ntako itagize yerekana abariko bica abantu ivyo bisata vya onu ntivyumve bigashima kwagiriza reta ukamenga niyo yirwanya reta ntakwitagize mugutanga imitahe mpuzamakungu ngabobicanyi bafatwe harivyakozwe hagaca haboneka abatanga ivyegeranyo batagishije inama reta rere bazungu nibaze babaze reta niho hazoboneka ukuri

  • Abo ba dandaza b’ibigwanisho n’amaraso y’Abanyafrika, ni bagume iwabo tugume iwacu. Twarabahinyuye. Akavuze uwuraho, Uburundi buzobabera ifuro ry’igiti.

  • None burya USA, Rwanda,... banse convention de Rome kugira bagume bikorera ivyaha?

  • Oya kwiruka siwo muti nukuru, haraho nasonye muri Bibiriya havugango umuryakibi ahunga atakimwirukanye. ahorero bagovye guhunga ubutungane babesha nubwo hazohera imyaka, ningobwa Nkurunziza nabamufasha kurigita abenigihugu bazotabwe muriyompi bashikirizwe ubucamanza. icariciza kwa rukwisigura kuvyo bagirizwa, kandi noneho turabizi neza ivyobashikirije nivyukuri ntabubeshi burimwo. babaye nkawamwana ya koze amakosa mumuryango bamubaza atibiwakoze nibiki ? ati ahibambewe ntavyo nakoze,ati eeeee!ati higetuzane uzagushira ivyawe ahagaragara, ati maguru ntunga, nabo nikobibagendeye uwukiriho azopfa aroreye.

  • Aho ntasoni kwamiza amajambo mukamwa atagira ibikorwa. Imana iraza vuba kubihindura nimuturekere igihugu.

  • abarundi na barundikazi ntituzokwemerera umuntu numwe azoza aducinyiza twarikukiye

  • Mbeko bavuga ngo banegura Leta kungingo yafashe, mbe bibagirako natwe abarundi twaneguye ivyegeranyo vyabo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.