Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Festus NTANYUNGU yagizwe umukuru wa CNTB - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Festus NTANYUNGU yagizwe umukuru wa CNTB

Festus NTANYUNGU yagizwe umukuru wa CNTB

mercredi 23 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Festus NTANYUNGU niwe yagenwe kuba umukuru wa CNTB, kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, inomero 100/162 ryo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 23 Myandagaro 2017.

Umushingamateka Festus NTANYUNGU wo mu mugambwe CNDD FDD yahora ari umunyamabanga mukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro bibera mu Burundi (CNDI : Commision National du Dialogue Inter-Burundais), akaba ari umwe mu bagumyabanga bakomeye ba CNDD FDD basavye ikigongwe inyuma y’aho mu mwaka w’2015 banditse urwandiko rwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza.

JPEG - 83.6 ko
Festus NTANYUNGU yagizwe umukuru wa CNTB

Festus NTANYUNGU abaye umukuru wa CNTB agira gatanu atwaye umurwi w’igihugu CNTB, inyuma ya Patiri Astere KANA, Musenyeri Serapiyo BAMBONANIRE, Martin MBAZUMUTIMA na Tharcisse Nkunzimana.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.