IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > "Amashirahamwe mpuzamakungu ashingiye ku kwemera afise uruhara rukomeye mu (...)

"Amashirahamwe mpuzamakungu ashingiye ku kwemera afise uruhara rukomeye mu gitsimbataza amahoro"

mercredi 5 Mukakaro 2017

Furera Emmanuel NTAKARUTIMANA ari mubateguye inama mpuzamashengero avuga ko urunani rw’amashengero rwari rwashizweho mu Burundi, rwafashije mu gutanga intererano y’ibibazo vyo mu gihugu , Emmanuel NTAKARUTIMANA yavuze ko urunani rw’amashengero yo mu Burundi rwakoze ibikorwa bitari bike, nk’ivyo kugendera impunzi , kuja kuvugana n’umugwi wa Buraya ujanye n’ivya Israel mu ntumbero yo kurondera hirya no hino umuti woboneka kugira amahoro atsimbatare bose bagishijwe inama .

Furera Emmanuel NTAKARUTIMANA yavuze ati : “ Iyi nama niyo gukomeza urunani rw’amashengero kugira dukomeze ibikorwa vyo gutsimbataza amahoro na cane cane ku mugabane wa Afrika ari naco gituma iyi nama yitabwe n’ibihugu bitandukanye vyo muri Afirika. “

Bamwe mu bitavye iyo nama mpuzamashengero bamenyesha ko amashirahamwe mpuzamakungu ashingiye ku kwemera agumye afashanya n’amashengero nk’uko yama abikora, vyotuma bashobora guhuza imirwi itumvikana bakongera bakayifasha uko yo kwiyunganya mu bikorwa vy’iterambere kuko ata mahoro yoboneka ata terambere ririho.

Muri yo nama, batera akamo ko ibintu ngenderwako vyotuma amahoro atsimbatara no kugwanya ihohoterwa ko ari kuja inama n’ingingo ,imigwi itumvikana ikamenyera kwicarana hamwe kugira ahanahane ivyiyumviro vyubaka,hamwe no guhura mu biganiro aho umuntu yoshikiriza akamubakiye.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.