IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Furera Emmanuel NTAKARUTIMANA : "Amashengero afise uruhara ntasubirizwa mu (...)

Furera Emmanuel NTAKARUTIMANA : "Amashengero afise uruhara ntasubirizwa mu gutsimbitaza amahoro"

mardi 4 Mukakaro 2017

Muri iyo nama mpuzamashengero, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu Deo Ruberintwari yamenyesheje ko ibiganiro bihereye mu barongozi b’amashengero bituma abayoboke b’amashengero bibagirira inyungu no kugendera ivyo abarongozi bababwiye, kuko abayoboke bumvira abarongozi b’amashengero yabo kuko babafata nk’abungere babo gutyo bigatuma amahoro asasagara mu gihugu hamwe no kugwanya ihohoterwa .

Deo Ruberintwari yavuze ati : «Umwera uva ibukuru ugakwira hose, akaba yateye akamo abarongozi b’amashengero kuyobora abayoboke babo baberekeza mu nzira y’amahoro kuko ibiganiro mpuzamashengero biza muvya mbere bifasha mu gukinga ihohoterwa hamwe no gutsimbataza amahoro n’umutekano mu bihugu biba vyugarijwe n’indyane.

Deo RUBERINTWARI yavuze ati : « Ibiganiro mpuzamashengero n’igikoresho ngirakamaro gishobora guhindura indyane, kuko n’imiburiburi buri rimwe mu ndwi abayoboke bumva ijambo ry’Imana

Patiri Felix FUPI ari mu bitavye iyo nama mpuzamashengero yavuze ko amashengero afise uruhara ntasubirizwa mu gutsimbataza amahoro, kuko iyo umutima udatekanye umuntu adashobora kugira amahoro ari naco gituma amashengero avura imitima kugira igire amahoro, gutyo akabona gukwira mu bantu bose.

Mu bikorwa bikuru amashengero yigisha bituma amahoro atsimbatara, Patiri Felix FUPI amenyesha ko hari ibikorwa vyo kwigisha abayoboke gufashanya, gufatana mu nda, hamwe no kugendera mu mico myiza.

Patiri Felix FUPI yavuze ati : «Ikivuzwe mw’ishengero abantu benshi baracumviriza, kandi barayoboka ivyo babwiwe kuko buri muntu afise ijwi rimuvugiramwo, gutyo bigendewe amahoro akaboneka

Furera Emmanuel NTAKARUTIMANA avuga ko inyigisho amashengero atanga yo kwigisha ukuri, kurekuriranira, gutanga ikigongwe, kunywanisha no kuvukanisha abanyeporitike bashobora kubikoresha no kuvyubakirako kugira amahoro aboneke.

Shehe Imam BUKURU ELLY KHALFAN kubwiwe avuga ko amadini afata iya mbere mu guhimiriza, gukangura abayoboke babo kugira batsimbataze amahoro.

Shehe Imam BUKURU ELLY KHALFAN yavuze ati : «Abayoboke b’amashengero bakwiye kwama bavuga ukuri, kuko nikwo gutsimbataza amahoro, kuko amahoro ariwo mushinge w‘iterambere rirama

Ico kiganiro mpuzamashengero cabereye mu gisagara ca Bujumbura kikaba citabwe n’abarongozi b’amashengero bava mu Rwanda, Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo, Togo, Uganda, Kenya, Somariya, Zimbabwe. Kikazorangira kw’igenekerezo rya 05 Mukakaro 2017, ni ukuvuga ko kizomara iminsi itatu.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.