Accueil > Amakuru > u Burundi > Gabriel RUFYIRI yandikiye umuhuza Yoweri MUSEVENI
Gabriel RUFYIRI yandikiye umuhuza Yoweri MUSEVENI
jeudi 9 Munyonyo 2017, par
Mw’ikete uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe OLUCOME Gabriel RUFYIRI yandikiye umuhuza mu matati y’Abarundi, umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Museveni kuri uwu wa 03 Munyonyo, yamusavye gutahuza Reta y’Uburundi n’umugambwe CNDD FDD kugira babangire guhindura ibwirizwa nshingiro.
Gabriel RUFYIRI ashikiriza ko mu gihe ibiganiro bibera hanze y’igihugu bihuza Reta n’abo batavuga rumwe hamwe n’abadaharanira ivyicaro vya poritike bitari bwarangire, Reta yari kubangira guhindura ibwirizwa nshingiro.
- Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME
Umukuru w’ishirahamwe OLUCOME aributsa umuhuza Museveni ko ihindugwa z’ibwirizwa nshingiro rigamije guhamba amasezerano ya Arusha yashizweko umukono inyuma y’impari nyinshi, akanamumenyesha ko hasanzwe hakiri ibitari bwashirwe mu ngiro muri ayo masezerano, agatanga akarorero k’ihinyanyurwa ry’inama nkuru y’ubucamanza ijanye n’ugutegura ubwigenge bw’ubucamanza bikiri ikibazo.
Pacifique BUKURU
Messages
9 Munyonyo 2017, 16:39, par NDORI
Ntugire ubwoba RUFYIRI guhindura ibwirizwa shingiro ntibikunda kuko corum 3/4 ntizoboneka...