IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gaston SINDIMWO avuga ko Uburundi bwikukiye irya kabiri

Gaston SINDIMWO avuga ko Uburundi bwikukiye irya kabiri

vendredi 27 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO, aganira n’ikinyamakuru IGIHE yamenyesheje ko ukuva kw’Uburundi muri Sentare mpanavyaha mpuzamakungu ari iteka rihambaye ku gihugu c’Uburundi.

"Twebwe ni iteka cane kubona tutakiri muri iyo Sentare. Amanama y’agasakisaki yaguma atumwako. Uno munsi rero, Uburundi burikukiye. Uburundi bugiye kwigenga, tugasaba ubutungane ko bwohana inkozi z’ibibi zose."

Gaston SINDIMWO aravuga impamvu nyamukuru zatumye Uburundi bufata ingingo y’ukuva muri Sentare mpanavyaha mpuzamakungu CPI.

"Twebwe uno munsi ntaco dupfana n’iyo CPI. Twavuye muri iyo CPI kubera twabonye ihohotera ama Reta y’ibihugu vya Afrika, kuko turavye nk’ingene bafata umushingantahe Bagbo, igituma bamukuye, canke abandi bakurwa, turabona ko ari agahahazo kavuye ku bihugu vy’ubumwe bwa Buraya."

JPEG - 97.6 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Gaston SINDIMWO yizeza ko ubutungane bw’Uburundi buzohana ivyaha bikorwa, akamenyesha ko iyo Sentare yahora ihana abo ubumwe bwa Buraya bushatse.

"Mbega iyo CPI yahanye ba nde ko ihana abo abanyaburaya bashaka. Twebwe dushaka duhane abaturiye abantu, abaturiye abantu. Ingendo twafashe muri Reta ni iyo kudaharira icaha. Ni naco gituma ingendo ko abanyeporitike bibaza y’uko bazoza mu biganiro bahejeje gusasika inganda, bazoza mu biganiro bahejeje kugumura abantu, abo nta kibanza bazoba bagifise."

Mw’itangazo ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryasohoye kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 27 Gitugutu 2017, umunsi Uburundi bwavuye ku mugaragaro muri Sentare mpanavyaha mpuzamakungu, ubumwe bwa Buraya bwamenyesheje ko Uburundi bubaye igihugu ca mbere cikuye muri iyo Sentare, kandi ko iyo ngingo yafashwe na Reta y’Uburundi isubiza inyuma ugukorana kw’amakungu n’Uburundi.

Muri iryo tangazo, ubumwe bwa Buraya buvuga ko iyo ngingo igiye gutuma abakorewe ivyaha hamwe n’abo agateka kabo kahohotewe badatunganirizwa. N’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike agiye kugoyagoya, nk’uko ubumwe bwa Buraya bubimenyesha.

Ubumwe bwa Buraya busaba Reta y’Uburundi ko yobandanya gukorana n’iyo Sentare ku vyaha vyakozwe imbere y’uko Uburundi bwikura mu masezerano ya Sentare mpanavyaha mpuzamakungu.

Iryo tangazo ry’ubumwe bwa Buraya rirangiza rimenyesha ko ukwikura kw’uburundi muri Sentare mpanavyaha mpuzamakungu kutazofasha mw’itorwa ry’inyishu ku bibazo bihari mu Burundi. Iyo ngingo izotera kandi intege ukudahana ivyaha, nk’uko vyemezwa n’ubumwe bwa Buraya.

Pacifique NININAHAZWE, umwe mu baharanira agateka ka zina muntu mu Burundi avuga ko ukwo kwikura kw’Uburundi muri Sentare mpanavyaha mpuzamakungu ataco bihundura kuko iyo Sentare ifise ububasha bw’ugutanguza amatohoza nyezina ku vyaha vyakozwe mu Burundi imbere y’uko iyo ngingo ifatwa. Pacifique NININAHAZWE amenyesha ko urugamba abaharanira agateka ka zina muntu batanguye rw’ukwitura iyo Sentare barubandanya.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Uyo mu Kongomani yahawe akazi kagoye n’abagabo biyigiye amategeko yo mu kibira(namwe mwarabibonye) aho umuntu avuze gusa ibitagenda neza baca barasa. Nta burorero nirirwa ndatanga bw’abishwe canke bakanyuruzwa. Sinumva rero ingene uwo mu Kongomani ariwe aja kw’isonga ry’inzu ngo " yizeza Abarundi ko ubutungane bw’Uburundi buzohana ivyaha bikorwa.

  • arateye ikigongwe Gaston! mugabo ndaguye ndagarutse imponyorabitabo bahaye icokibanza ntiyoreka kuvugishwa! damn!

  • Ndabira uyu ngo ni Sindimwo,iyinjizemwo sha uzokurwamo nabi cane,bandanya ugambanira benewanyu,fimbo chapa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.