IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gaston SINDIMWO yemeza ko ikibazo c’ibiringo caheze

Gaston SINDIMWO yemeza ko ikibazo c’ibiringo caheze

vendredi 7 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Gaston SINDIMWO avuga ati : "Umuntu ariko avuga ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA aracari mu mwaka w’2015. Ikiringo kigira kirangire. Tugira turondere ikindi kiringo. Ni ukuvuga ko bacerewe."
Kubwa Gaston SINDIMWO, abanyeporitike bahunze bari bakwiye gutaha kugira bumvikane ku rupapuro rw’inzira rutegura amatora yo mu mwaka w’2020 azotegerezwa kuba, nk’uko vyemezwa n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Mu nama igira iya 29 y’abakuru b’ibihugu vyo mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, bemeje ko igihugu c’Urwanda arico kigiye kurongora iryo shirahamwe mu kiringo c’umwaka umwe, kuva mu mwaka w’2017. Uburundi bwizeye ko kazoba ari akaryo keza ko gukemura ikibazo c’imigenderanire y’Uburundi n’Urwanda itifashe.

Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE kuri uwu wa gatanu, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’Abakuru b’ibihugu c’Uburundi yamenyesheje ko yibaza ko umwanya Urwanda ruzomara mu burongozi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika uzogira akamaro ku mubano w’ivyo bihugu vyompi.

"Aronse ayo mahirwe y’ugutwara iryo shirahamwe azoca arondera ingene imibano igenda neza gusumba kuko azoba ariwe araba ingene amahoro n’umutekano vyifashe muri Afrika. Ntiyoza guteza umutekano muke kandi ariwe arongoye iryo shirahamwe."

JPEG - 736.5 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Mu gihe umuhuza aheruka kumenyesha ko agiye gusubira gutumako ibiganiro bihuza Abarundi, Gaston SINDIMWO amenyesha ko Uburundi buzokwitaba ivyo biganiro, ariko ko vyohera n’ingoga bigashika abarundi ku gukomeza ivyavuye mu biganiro vyabereye mu Burundi.

"Ntihagire umurundi n’umwe wundi uwariwe wese yokwiyumvira ko ibiganiro tuzogenderako bizova hanze."

Gaston SINDIMWO asaba abahunze Uburundi ko boshikiriza Reta y’Uburundi ivyo babona ko vyokorwa kugira Reta ivyongere mu vyavuye mu biganiro vyahujije abarundi birongowe n’umurwi CNDI.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.