Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Gihanga : Abungere 12 bafatiwe mw’ishamba rya Rukoko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gihanga : Abungere 12 bafatiwe mw’ishamba rya Rukoko

Gihanga : Abungere 12 bafatiwe mw’ishamba rya Rukoko

samedi 26 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo bungere bagirizwa ko binjiye muri iryo shamba batabanje kubisabira uruhusha, aho akaba ari mu gihe ubuyobozi bw’intara ya Bubanza bwafashe ingingo y’uko ata muntu n’umwe arekuriwe kwinjira muri iryo shamba atabisabiye uruhusha.

Abakunda kuja muri iryo shamba ni abanyagihugu barangurirayo imirimo itandukanye yaba uburimyi, ubworozi, abaja gucanayo amakara, abasenyayo inkwi n’ibindi. Bose babwiwe ko uwuzofatirwayo atabisabiye uruhusha azohanwa bikomeye.

Mu nama y’umutekano yaheruka kugirisha, Buramatari w’intara ya Bubanza yamenyesheje ko iyo ngingo ifashwe ku mvo z’umutekano, inyuma y’aho bibonekeye ko hari imirwi y’abantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano, mu nyuma mu gusubira inyuma bagaca muri iryo shamba cimeza rya Rukoko.

Buramatari w’intara ya Bubanza akaba yaciye afata ingingo y’uguhagarika uruja n’uruza mw’ishamba cimeza rya Rukoko. Muri iyo ngingo ya Buramatari wa Bubanza, bavuga ko ninka izofatwa ijabutse ibarabara rya Bujumbura - Rugombo, ifashe ibarabara rija mw’ishamba rya Rukoko, izotangishwa ihadabu ry’amafaranga y’amarundi agera ku bihumbi ijana.

Abo bungere nabo basabwe gutanga umwe wese ihadabu ry’amafaranga ibihumbi mirongo itanu kugira barekurwe.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.