IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Gihosha: Abanyagihugu basaba ishirahamwe BCCO gukora igikorwa (...)

Gihosha: Abanyagihugu basaba ishirahamwe BCCO gukora igikorwa ryiyemeje

jeudi 7 Nyakanga 2017

Abanyagihugu bo muri zone Gihosha bavuga ko haheze amezi arenga abiri batabonye uwuza gutora umucafu, kuko ishirahamwe ryahora riza kuwutora ENTRECCO ryahagaritswe, kandi ariryo ryaza ku gihe.

Abo banyagihugu bavuga ko barengewe n’umucafu usigaye uri aho baba, bakavuga ko ata kindi kiharangwa atari umunuko mubi, ivyo navyo bikaba bishobora gutuma amagara yabo abangamirwa.

Basaba ko ishirahamwe rishasha rizunguruka igisagara ritora umucafu ryohashika mu maguru masha, kugira ribakingire ibishobora kubashikira.

’’Twe nta kindi dusaba, nk’uko aba mbere baza ku mwanya kandi bakubahiriza amasezerano, n’abandi baraza badukurireho umwanda canke nimba hari ukundi bitunganijwe babitubwire, ariko vyiza boza bakabanza kudukiza umwanda uhari haraheze amezi arenga abiri..’’

Ku ruhande rw’Ishirahamwe BECCO(Bujumbura Cleaning Company) rikora igikorwa co gukura umucafu mu gisagara ca Bujumbura,umuyobozi waryo ARAKAZA Aime Aloys amenyesha ko ikibazo co muri zone Gihosha bakizi ariko ikibazo aruko ababa mu Gihosha batigeze bemera kwakira abakozi b’ishirahamwe BECCO.

JPEG - 26.4 ko
Aime Aloys ARAKAZA, arongoye ishirahamwe BCCO

Aime Aloys ARAKAZA avuga ko babahamagaye umucafu wabaye mwinshi kandi ntibabariha, ariko agahumuriza abanyagihugu ko ico kibazo kigiye kuva mu nzira kuko hari ingingo zafashwe.

Ati:’’Ntitwokora nk’uko bakoze,hari imodoka twarungitse mu Gihosha kandi izogumayo. Twakoranye n’ubategetsi dushiramwo kandi uwuvuka aho mu Gihosha kugira afashe mu gutunganye igikorwa neza.’’

Umuyobozi wa Bujumbura Cleaning Company avuga ko hari n’umugambi wo gushiraho umurongo wa terefone abanyagihugu bazohamagarako utarihishwa ,mu ntumbero yo gukorana neza n’ishirahamwe.

Ishirahamwe Bujumbura Cleaning Company ryaje gukora igikorwa co gusukura igisagara risubirira amashirahamwe ashika 18 yari asanzwe akora ico gikorwa mu bice bitandukanye vy’igisagara.

Mu mubonano umuhuza w’abarundi Edouard NDUWIMANA yagiranye n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA yavuze ko itunganywa ryo gusukura igisagara ca Bujumbura kibonekwamwo utunenge aca asaba umukuru w’igisagara kugitunganya ukundi gushasha.

Amashirahamwe yahora akora ico gikorwa yagumye amenyesha ko ishirahame BECCO ririko rikora ico gikorwa hatisunzwe amategeko, kuko ata higanwa ryabaye mu kuryemerera gusukura igisagara ca Bujumbura.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.