IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gihosha: Abanyagihugu basaba ishirahamwe REGIDESO kubaronsa (...)

Gihosha: Abanyagihugu basaba ishirahamwe REGIDESO kubaronsa amazi

lundi 2 Nzero 2017

Abanyagihugu bamwe bo muri zone Gihosha, Komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura bamenyesha ko mu gihe abandi bahimbaza umunsi mukuru w’umwaka mushasha, bobo bari mu kibazo co kuronka amazi.

Bamwe mu bavuganye n’ikinyamakuru igihe.bi bavuga ko amazi yatanguye kubura kuva ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 30 Kigarama 2016, gushika mu gatondo ko kuri uno wa mbere igenekerezo rya 2 Nzero 2017 bakaba batari bwaronke ayo mazi.

Abanyagihugu bagatangazwa n’ingene mu bice bimwe amazi aboneka ahandi ntaboneke.

Abo banyagihugu eka mbere n’abajejwe umutekano bavuga ko mu gihe ata cokorwa mu maguru masha indwara zivuye kw’isuku rike zishobora kwibonekeza mu bice bimwe bimwe vy’iyo zone ya Gihosha.

Baba abajejwe intwaro ku rwego rwo hasi murio iyo zone canke abanyagihugu , bose basaba ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO kubaronsa amazi, kuko gushika ubu hari ibikorwa bimwe bimwe bitariko birakorwa.

Mw’ishirahamwe REGIDESO bamenyesha ko ico kibazo bakizi kandi ko bariko barakora kugira bagitorere umuti.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.