IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gihosha : Abanyagihugu bo muri quartier Nyabagere basaba REGIDESO kubaronsa (...)

Gihosha : Abanyagihugu bo muri quartier Nyabagere basaba REGIDESO kubaronsa amazi

jeudi 21 décembre 2017

Abo banyagihugu bavuga ko iryo bura ry’amazi rifise ingaruka mbi ku buzima bwabo, bikunyurwa n’uko amazi bakoresha bayakura kure, aho bisabwa ko bikora ku bantu bayabazanira babanje kubahemba amafaranga.

Jean Paul NSHIMIRIMANA ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe REGIDESO avuga ko ikibazo co kubura amazi aho ku Matafari bakimenye mu gatondo kur’uno wa kane igenekerezo rya 21 gitugutu 2017, kandi bamaze kurungika abajejwe gukora ahari ingora, kugira barabe ahabereye ikibazo.

Jean Paul NSHIMIRIMANA yemeza ko aho bari bazi hari ikibazo c’amazi ari muri karitiye ya Carama yo muri zone Kinama ,aho avuga ko ikibazo camaze gutorerwa umuti , kandi ubu ico gice camaze kuronka amazi.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.