IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega: Abasubijwe mu buzima busanzwe basaba gufashwa bikwiye

Gitega: Abasubijwe mu buzima busanzwe basaba gufashwa bikwiye

mercredi 25 Nzero 2017

Abasubijwe mu buzima busanzwe baba ku mutumba wa Zege mu ntara ya Gitega basaba gufashwa bikwiye kuko ataco bishoboje mu bijanye n’ubuzima bwa minsi yose.

Abo basubijwe mu buzima busanzwe bavuga ko aho babaye ataco bahafise,ata mazi meza,atamakara yo gucana mu kurondera ibifungurwa,kandi ko n’ikibazo c’umuyagankuba kibugarije.

Bavuga ko mu gihe basanzwe bagendana ubumuga bategerezwa kwivuriza mu gisagara ca Bujumbura,kandi bibasaba kwiyunguruza no kuronka aho baryama,ivyo navyo bikabasaba uburyo kandi atabwo bafise.

Abo bahoze ku rugamba bamenyesha ko naho Reta yabahaye amazu biciye mu mugambi wo guisubiza mu buzima busanzwe abahoze ku rugamba,gushika ubu ata mpapuro zemeza ko ayo mazu ari ayabo bararonka.

Colonel Gaspard BARATUZA avugira igisirikare c’Uburundi amenyesha ko abasirikare bonyene aribo bironderera ivyemeza ko izo nzu ari izabo,ku bindi bibazo naho avuga ko bazobitorera inyishu babanje kwishikira mu kibanza abo basubijwe mu buzima busanzwe babamwo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.