Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : COOPEC yibwe amafaranga imiriyoni 66
Gitega : COOPEC yibwe amafaranga imiriyoni 66
mercredi 1er Ruhuhuma 2017, par
COOPEC y’i Gitega (Coopérative d’Épargne et de Crédit) yibwe amafaranga y’abantu bataramenyekana mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri.
Amakuru atangwa n’ubuyobozi bwa COOPEC Gitega avuga amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni mirongo itandatu na zitandatu ariyo amaze kumenyekana ko yibwe n’abasuma, bikavugwa kandi ko abo basuma boba babanje guha ibiyovyabwenge abaporisi hamwe n’abanyezamu barira iyo nyubakwa ya COOPEC Gitega.
Amatohoza yamaze gutangura.
Ubwo busuma bwo muri COOPEC Gitega bubaye inyuma y’amezi ane gusa hibwe ayandi mafaranga arenga gato imiriyoni 11 muri COOPEC i Gihanga, naho nyene abayivye bakaba babanje guha ibiyovyabwenge umuporisi hamwe n’umunyezamu bacunga ahakorera iyo COOPEC.
IGIHE
Messages
1er Ruhuhuma 2017, 09:53, par Haruna
Hhaahhh Abajejwe umutekano ngo babahaye ibiyayura umutwe??genda Burundi utwawe n’ibinywamaraso kweli,iragi rya Peter Nkurunziza
1er Ruhuhuma 2017, 11:02, par Alain Nyabenda
Iyi ntwaro izotuma igihugu cacu gihurumbirwa n’ibindi bihugu, kandi ifaranga ryacu rizogira agaciro nki dollar cg euro .Ivyo nivy’Imana yampishuriye nkiri muto nkiba hariya iwacu i Buye muri komine Mwumba. Ababikije amahera yabo muri coopec Gitega, ntakibazo kuko haguhomba Yesu wohomba amahera hahahahhhhhhhh
1er Ruhuhuma 2017, 11:24, par AMANI
Ntamategeko Yinkozi Zikibi Akiri Iburundi Kitse Abazirubusa Nibo Bahoterwa
1er Ruhuhuma 2017, 13:03, par Warumonge
Ivyovyabayentibitangajekuko Ababandibamahon,ukwihangana Mugumyumutima
1er Ruhuhuma 2017, 13:17, par MURUNDI
ABO BAJEJWE UMUTEKANO BARARIRA NKAHO BATEYE AMAKENGA,NONE IVYO BIYOVYA BWENGE NINYABAKI ? YOMBA ARI KOKAYINE,MUSUZUME NEZA IVYARIVYO VYOSE IBISUMA BIRI MWABONYENE!
1er Ruhuhuma 2017, 13:34, par NTAKIRUT’IMANA
AHUBWO IBINTU BIRAYE PE, TO BE STOLEN IN THAT MANNER, IN NEXT TIME, EVEN YOUR PANTIES WILL BE STOLEN !
1er Ruhuhuma 2017, 13:52, par EGIDE
ABO BAPORISI NIBOBAYI BAGACA BANWIBIYOVYABWENGE KUGIRA NTIBABIHINYURE. EJO BAZODUZIMPANGU.
1er Ruhuhuma 2017, 16:50, par SIHONDI Levis
NONE BABASENZI NABAVUGISHWA BIMUMBA IVYO BIBABARIHE NTIBAGISENGA KO BATAVYEREKWA? EJO IBIYOVYA BWENGE BIZOHABWA ABAPOLISI BACUNZE CA KIBUGA CIBUYE HEHEHEHEHEEEE
1er Ruhuhuma 2017, 20:42, par Ntirandekura Frédéric
Turatangaye None Ntituze Dusubire Kubitsa ? None Twebwe Abanwanyi Tuzoheba ? Murarabe Nezako Abo Bacunzi Ko Batabiziko Bafise Inkoho Jewe Ntavyo Nemeye Nyamurenza Ngozi
2 Ruhuhuma 2017, 06:46, par mzoyihera intagoheka
Umuporisi afise inkoho mumaboko mbega umuntu yozagute mwijoro akamunwesha ibiyovyabwenge? Canke babirungitse mumuyaga bicabibinjiramwo!. Nukuraba neza, nabasazwe bakora babifisemwo uruhara.