Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega-Nyarusange : Abanyagihugu bari bahawe indogoba bagiye (...)
Gitega-Nyarusange : Abanyagihugu bari bahawe indogoba bagiye kuzakwa
lundi 28 mai 2018
Mw’ikete umushikiranganji w’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA yandikiye musitanteri wa komine Nyarusange, yamenyesheje ko izo ndogoba zatanzwe hatisunzwe amategeko n’ubuhinga bijanye mu gutanga ibitungwa bivuye hanze.
Muri ryo kete Deo Guide RUREMA yasavye ko izo ndogoba zica zijanwa ahantu hazonyene muri komine Mabanda, mu ntara ya Makamba.
Izo ndogoba zitandatu zari zatanzwe ku mugaragaro, kuwa kane, igenekerezo rya 24 Rusama 2018, n’uwuserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi, Laurent Delahousse.
BIKORIMANA Vianney
Messages
29 mai 2018, 21:15, par Pasco
Nibazizane Makamba Iwacu.Hari Akayaga Keza,nibidukikije Bikwiye,amashamba Nibindi...