IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Google yaciwe ihadabu n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya

Google yaciwe ihadabu n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya

mercredi 28 Ruheshi 2017

Bivugwa ko iyo hadabu yaciriwe ishirahamwe google mu mahadabu ya mbere atangishijwe kw’ishirahamwe ryagirizwa kwonona isoko.

Mu bihano iryo shirahamwe ryafatiwe harimwo guhagarika ibikorwa vyo kubangamira ayandi masoko mu kiringo kitarenze imisi 90.

Magrethe Vestager ajejwe amhiganwa mu budandaji mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, yamenyesheje ko ishirahamwe Google ryabujije ayandi mashirahamwe guhiganwa mu vyo ashoboye, kandi ko ryabujije abaguzi kwihitiramwo no kwinagura mu nyungu zivuye mu guhiganwa.

Magrethe vestager yavuze ati : “ Ivyo google yakoze ntibirekuriwe n’amategeko agenga ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya.“

Magrethe Vestager yavuze kandi ko ico gihano bafatiye ishirahamwe google kizotuma bashobora gutorera umuti ingorane zijanye n’ingene google yerekana amakarata yayo ,ibijanye n’ibiciro vy’indege hamwe n’ubudandaji buto buto bwibonekeza mu gihe umuntu ariko arondera ikintu k’urupapuro rwa google .

Ishirahamwe Google rirahakana ivyo ryagiriji vyose , rikamenyesha ko rishobora kwunguruza urwo rubanza .

Mwomenya ko ishirahamwe Google ryaheruka kwagiriza amashirahamwe Amazon na eBay ko afise uruhara ku nyifato y’uko abantu bakoresha amahera aba avuye mu nyungu z’amahiganwa


Vianney BIKRIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.