Home > Ubuhinga bwa none > Internet > Misiri: Umukuru w’igihugu yemeje itegeko rigenzura ibikorerwa ku mbuga (...)
Misiri: Umukuru w’igihugu yemeje itegeko rigenzura ibikorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi
Monday 20 August 2018, by
Iryo tegeko umukuru w’ico gihugu yateyeko umukono rizogwanya ivyaha bikorerwa ku mbuga ngurukanabumenyi vyose kandi mu gihe izo mbuga bibonetse ko zishobora gushira mu kaga umutekano canke ubutunzi bw’igihugu zishobora kugarwa.
Muriryo tegeko rishasha bitegekanywa ko umuntu wariwe wese yagiwe n’icaha co kuba ari nyene izo mbuga canke ari mu bazikoresha ashobora gufungwa canke agacibwa ihadabu.
Naho bamwe mu barongozi mu gihugu ca Misiri bashima iyemezwa ryiri tegeko ko rije mu gihe ciza co kugwanya iterabwoba no guhangana n’ikibazo c’umutekano muke,abaharanira agateka ka zina muntu murico gihugu bagiriza reta ya Misiri kugerageza kuzivya abatavugarumwe nayo.
Rimwe mu mashirahamwe aharanira ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro ngaho muri Misiri ryamenyesheje ko imbere yuko iri tegeko rishirwaho, imbuga ngurukanabumenyi zirenga 500 zimaze gufungwa murico gihugu.
IGIHE
Forum posts
28 August 2018, 19:56, by Christar
Nipfuza kubasa Noshobora Kuja Ndaronja Inkuru Imisi Yose Ziciye Kuri Adress Yanje?