Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Umugera wa WannaCry wateye imashine nyabwonko mu bihugu 99
Umugera wa WannaCry wateye imashine nyabwonko mu bihugu 99
samedi 13 Rusama 2017
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko uwo mugera usaba ko nyene gukoresha imashini nyabwonko kuriha amafaranga angana n’amadolare 300 y’abanyamerika kugira imashini yuguruke.
Umugera winjiye ahanini mu mashini zo mu bihugu nka Amerika, Ubushinwa, Uburusiya, Espagne ,Ubutaliyano na Taiwan.
Ikibazo c’umugera wateye imashini cakoze kw’ishirahamwe rikorera mu gusata c’Ubuvuzi mu gihugu c’Ubwongereza NHS ,bikaba vyatumye hari abari bahawe amasango n’abaganga, amasango yabo akaba yigijwe inyuma.
Uwo mugera WannaCry winjiye kandi mu mashini z’amashirahamwe yo gutumatumanako amakuru nka Telefonica yo muri Espagne, FedEX yo muri Portugal na Megafon yo mu Burusiya.
Messages
13 Rusama 2017, 19:41, par Nzotebanzoza
Murakoze cane. Naciye nihuta kuraba kuri internet. Ni catastrophe!!!