IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Umuyobozi wa ONATEL ahamagarira amashirahamwe gukoresha umuhora wa Fibre (...)

Umuyobozi wa ONATEL ahamagarira amashirahamwe gukoresha umuhora wa Fibre Optique

jeudi 29 Kigarama 2016

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru ONATEL
Réverien NTAGAYE, amenyesha ko kuva mu kwezi kwa Mukakaro umwaka wa 2016,umuhora wa internete ukoresha ubuhinga bwa fibre optique bukora.

Reverien NTAGAYA amenyesha ariko ko,bamwe mubafise amazu atanga umuhora wa internet cybers bataratangiura gukoresha ubwo buhinga, akabasaba kwegera ishirahamwe ONATEL kugira bavugane ku bijanye ningene boronswa ubwo buhinga.

Kubwo umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ONATEL,igice kimwe c’abanayagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura baramaze gutangura gukoresha ubwo buhinga, muri abo harimwo amabanki yatanguye kubukoresha kuva mu kwezi kwa gatandatu uyu mwaka.

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ONATEL ahamagarira abakoresha bose ubuhinga bwa none na cane cane amashirahamwe ya Reta nay’abikorera ivyabo kwegera ishirahamwe ONATEL mu ntumbero yo kuvugana ingene bobashikiriza uwo muhora,kuko ari ubuhinga buzimbutse .


igihe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.