IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hagiye gushirwaho ikigo c’igihugu ciga ibibazo vy’abakorerabushake

Hagiye gushirwaho ikigo c’igihugu ciga ibibazo vy’abakorerabushake

mercredi 4 avril 2018

Asigura imbere y’abashingamateka ibiri mu nteguro y’itegeko rigenga ishirwaho ry’urwego rw’abakora ibikorwa vy’ukwitanga mu Burundi, kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2018, umushikiranganji Jean Bosco HITIMANA yavuze ko iryo tegeko rije gufasha, kugira abakorerabushake baronke amategeko abagenga narirya mu gihugu basanzwe bariho ata mategeko abagenga, nko mu bindi bihugu vya Afrika.

Ku kibazo c’abashingamateka ku bijanye n’ingorane abakorerabushake bahura nazo mu kazi, nko gukomereka canke kudahembwa n’ibindi, mu gihe bizwi ko batemewe nk’abakozi, Jean Bosco HITIMANA, yamenyesheje ko hagiye gushingwa umurwi w’igihugu uzoza uriga ivyo bibazo vyose uzobaho kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu.

Umushikiranganji, Jean Bosco HITIMANA, amenyesha kandi ko bivanye nuko hari urwaruka ruheza za kaminuza rufise imyaka 35 igenewe kwita urwaruka, bongeyeko imyaka 3 ari nayo isanzwe izwi mugukorera mubwitange, ikazoca iba 38.

JPEG - 33.9 ko
Jean Bosco HITIMANA, Umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imico kama

Abakorerabushake 504 bari mu mashirahamwe, mu ntara za Bujumbura, Gitega na Ngozi nibo bari basanzwe bazwi nk’akarorero n’ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino, n’imico kama, bakaba bagenewe akarusho k’ibihumbi 60 bagaca batora ibihumbi 55 ayandi asigaye bakayabashirira mu mashirahamwe yabo yo kwiteza imbere.

Integuro y’ibwirizwa rigenga ishingwa ry’urwego rw’igihugu rw’abakora ibikorwa vy’ukwitanga mu Burundi, yemejwe n’abashingamateka 102 bitavye ibikorwa vy’inama nshingamateka.


Oscar NDAYISHIMIYE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.