Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Hashizweho umurwi wiga ibijanye no kwimurira ibiro vy’inama nkenguzamateka i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Hashizweho umurwi wiga ibijanye no kwimurira ibiro vy’inama nkenguzamateka i (...)

Hashizweho umurwi wiga ibijanye no kwimurira ibiro vy’inama nkenguzamateka i Gitega

mardi 5 juin 2018

Nk’uko biri muri urwo rwandiko rw’umukuru w’inama nkenguzamateka y’Uburundi Reverien NDIKURIYO, uwo murwi urongowe na Renovat NIYONZIMA, icegera ciwe akaba Fabiola NKUNDIZANYE, umunyamabanga ni umupfasoni Mise NKESHIMANA.

Abandi bagize uwo murwi ni Lea NGABIRE,Ildephonse BARANDAGIYE, Melance SINDAYIGAYA, hamwe na Pascal NITUNGA.

Uwo murwi uzoba ujejwe kurondera inzu mu gisagara ca Gitega, ishobora kwakira ibisata vyose vy’inama nshingamateka, kuganira ku giciro co gupanga iyo nzu, kwiga ibikoresho bikenewe kugira inama nkenguzamateka ikorere mu ntara ya Gitega.

Nk’uko biri muri urwo rwandiko, uwo murwi ujejwe kandi kuraba mu bikoresho bisanzwe bihari ivyojanwa gukoreshwa i Gitega, hamwe no kwiga amafaranga akenewe mu kwimurira no gutunganya ahakorera inama nshingamateka i Gitega.

Umukuru w’inama nkenguzamateka amenyesha ko uwo murwi ufise amezi atatu yo gukora, kandi ko n’ibikoresho bikenewe kugira uwo murwi woroherwe mu gikorwa bihari.

Naho inama nkenguzamateka ariyo ibaye iya mbere itanguza ibikorwa vyo kwimurira ibiro vyayo mu ntara ya Gitega, mu migambi ya Reta y’Uburundi, n’inama nkenguzamateka ishobora kuja gukorera mu ntara ya Gitega.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.