IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibice birenga 70 kw’ijana vy’amafaranga Reta izokoresha mu 2017 bizova mu (...)

Ibice birenga 70 kw’ijana vy’amafaranga Reta izokoresha mu 2017 bizova mu banyagihugu

vendredi 23 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama nshingamateka y’Uburundi yemeje integuro y’itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha mu mwaka w’2017. Ni amafaranga y’amarundi agera ku miriyaridi igihumbi n’ijana na mirongo itanu na zibiri, aho mukamenya ko ibice bigera kuri 70,7 vy’ayo mafaranga bizova mu makori y’abanyagihugu bo mu Burundi, ayasigaye agera ku bice 29,3 ave hanze y’igihugu.

Muri iyo nteguro yemejwe kuri uwu wa kane n’abashingamateka 110 kuri 111 bari bitavye ivyo bikorwa, umushikiranganji w’ikigega ca Reta akaba yibukije ko mu gihe amafaranga agera ku bice 50 kw’ijana Reta yahora ikoresha yahora ava hanze ariko ubu atakiza, muri Reta bavuga ko bagiye gukomeza umugambi w’ugutubika uwa vubi.

JPEG - 56.8 ko
Domitien NDIHOKUBWAYO, umushikiranganji w’ikigega ca Reta

Bamwe mu bashingamateka bakaba bagaragaje amakenga yabo, aho bamenyesheje ko uwo mugambi w’ugutubika uwa vubi uvugwa ku banyagihugu gusa bagiye kudugirizwako amakori ku biribwa vya nkenerwa, mu gihe abategetsi babandanya kwongerwa uturusho.

Abakurikiranira hafi ibibazo vy’ubutunzi mu Burundi bakabona ko mu ntango z’ukwezi kwa mbere, ibiciro vy’isukari, igitoro hamwe n’ibinyobwa vya BRARUDI bishobora kuduzwa, kugira amafaranga Reta ikeneye ashobore kubonekera mu matagisi.


IGIHE

Messages

  • Uburero umunyarucari agiyeguheka abobagabo?ubundibwo ibintu bimazekubankuko umwami yakagomvye kwiha ubuki!

  • Iyo budget yanyu tuyibye inshuro 6 mu rda

  • Nonega ko reta iduhevye bigiye kugenda gute?karabaye ndake!

  • sha iyi politique niyije kwica abanyagihugu. Nubundi ntako vyari vyifashe none nimwongera amakori tuzobaho gute, banze mubinononsore neza!

  • mbe izo nzirakarengane zizira iki? umuntu umwe gusa? ntimubaze kubona ko mukubashimira abo atishe abashira igereza? humura, kanura, zimuruka, jijuka, ikangure, anka akagaye.

  • Hhhaahh CNDD FDD muratangaje,ni mwebwe mwifuzaga guhangana n’u Rwanda?igihugu kimeze nka Somalie hama ngo 70% izova mu makori?ujinga ni mzigo kweli

  • Myogabanije Imishahara Y’abakozi Ba Leta Mushaka Kwica Nyarucari

  • Descente aux enfers

  • none iryokori rizoba umurengera yaho abanyagihugu bazota izabo nkuko kera tuvyumva?

  • Abanyagihugu turagowe

  • Dutubik Uwavubi? Mugamw Ntamusi Uhera Mudafunguy

  • kara bayeturagowe iman dutabare uruzuba ubukene twari twiteze kotwo fashwa nne nukwo bazo hunga bose twese twagiye pe!!!!

  • jewe iconovuga niki uburundi ntitwari dukwiye gukena twifatanabi kuko dufise igihugu ciza amazimeza akayagakeza mugabo tukaba abakene bambere muncamake ikintu kibuze numwimbu kuko abenegihugu 90 kwijana arabarimyi ariko bakarimanabi kubera imvo zitandukaye kugezaho turya ibifungurwa tuguze hanze kandi tubigura amahera yagaciro umuti nuko hobaho uburimyi moderene cane cane abikorera ivyabo bagashigikirwa mukuronswa ingurane itavuna kandi yokwishurwa mukiringo kirekire nkimyaka 20 jewe ubutaka nkoreramwo uburimyi hova 1000tones zumwimbu habuze uburyo nkamahangare do sitokaje imashini irima ibeni yataransiporo irigasiyo nisoko yumwimbu nkoguhingura kugira umwimbu ubikike umwanya muremure jewe ndikukivi uzogomba azoze dukorane

  • None,bagomba,duhunge,igihugu,twomoke?Kubera,amatagisi,yumurengera.Emwe,abanyagihugu,turagowe!!

  • BAKOREREKO BAHERE NKIFUYIMIJIRA BANGARABOMOGWANINZARA NIBOBAVYIKOREYE NIBABERE BAKOREREKO BAHERE NKIFUYIMIJIRA BANGARABOMOGWANINZARA NIBOBAVYIKOREYE NIBABERE ICIGWA

  • nibaduze inzoga gusa ibiribwa ntibaruhe!

  • Sha reka tuyabone nitwe twarwikwegeye, iyo tumerankabandi tukarenka kumutora uyumusi ntituba turiko turabona aya! none nakare kwamatagisi yarasazwe arumurengera bakongera kwayandi tuzoba tuyabonye nukuri!, ikiyeri kikaduzwa nzoca mbanza ndavyihoze, kuko nibwa yarahevye umwino irakura. karabaye turahonye, nimutubike umukanda ariko mutaduza biciro nakare twari tugeze ahatemba.

  • Ibyo nibyo rwose. Abanyafurika ntidukwiye kwirwa duteze amaboko abazungu. Ikiza ni ukuvana amaboko mumpuzu tukiteza imbere. Kuko iyo umuntu agutunze bituma utiteza imbere maze ukirwa uteze amaboko ngo akongere . Gusa iyo uhisemo gukora ukanga ibyo aguhaye ubaho ndetse ukigira ukaba wanatera imbere.

  • Ndumva reta itanguye guca akenge mugire uku mugabanye imishahara hanyuma ama taxes abemenshi buri murundi wese yibeko yimenye kuri buri kintu niho tuzotera imbere hanyuma na nkurunziza agume kubutegetsi kugira abandanye kumesa.

  • Utwo dufaranga ko ari duke?

  • Ahubwo muragowe!ngo abahunze bahunze inzara none leta yabuze amahera gute kandi abari mu gihugu bayafis?ahubwo nibakomeze kuriha iryo kori kuko nkurumbi yarabigaruriye!gusa ndabikozemwo sindabiriye!!!

  • umunyagihugu gutanga ikori sibibi ariko inka ikamwa icoyariye ikindi uravye abirirwa kumarigara badakora abo bahomvya igihugu abarundi turibenshi hakabura umwimbu kubera imvo zitandukanye hariho abarikukivi muburimyi bakabura vyankenerwa nabandi bagomba ubutunzi canke kurya batavunitse ndasavye reta ituze amarigara ninzoga zitemewe namategeko nabarya ibiturire ikori siribi nuko ritanga bamwe abandi ntibaritange ubu turi muri KOOPERATIVE ariko ntituraronka abadufata mumugongo kandi turi kukivi ubu twiteguriye kwimbura umwimbu muri KOOPERATIVE ugera kuri toni 50 zirenga kandi twibako tworonka abadufata mumugongo twogwiza nakane umwimbu turonka kandi tworonsa akazi abatari bake

  • abarundi turakwiye kwikebuka tukagwiza imigambi itanga akazi nkuburimyi namahinguriro kuko ivyo bishizwimbere ubukene buragabanuka kuko haca haboneka numwimbu ushoka hanze ndasavye abategetsi ico ciyumviro bagikorereko bazobona ingaruka nziza kugihugu igisata cuburimyi nico gitezimbere igihugu nabenegihugu kuko kirwizakazi bigatuma nagaciro kifaranga kiyongera kuko ubusumano buhaza umutwe mwagomba muze mumpinyuze ariko igisata gitunze abantu mirongo90kwijana mwumva kidakwiye kwitabwaho kurusha nibindi uburimyi nibwo soko ryiterambere murakoze komuzotahura iciyumviro canje tere79928549

  • Ego ntarusaku reka abereke none ko abahunze bahunze intambara!ubu tweho twipfuza icohadushikana.ahubwo ico kimywamaraso niciyahure hanyuma uburundi bwogorore.

  • reta irahagabira kuko ivyotumye umwimbu uboneka ntavyobakora nkamaoneje yitwa ngwafasha abarimyi birirwa mumanama adahera imiduga izimbye mugabo kuritere ntiziboneke none twebwe kodufise ahantu hova itonigihimbi 1000 zumwimbu ariko tukabura abadufasha mugabo ngobafasha ba ntahonikora none bantahonikora bazotuma amakori aboneka uburimyi nibwo butuma umwimbu uduga nifaranga rikagira agaciro kuko uburimyi nibwo butuma haboneka akazi kenshi namahinguriro uburimyi buragwanya ubushomeri namarigara abantu barikukivi indyane ziragabanuka ndasavye reta ifate amahera yitwa ngonimfashanyo ziri muburimyi bayacishe mugutanga ingurane itavunwa areke gukoreshwa mumanama ataco ashikako murakoze ukuntu muzontahura mba mukayanza ndongoye kooperative kandi turaha akazabantu barenga 300 tworonka ingurane itavuna twohakazi abantu barenga 1000 kuko dufise ahantu hokurima hova umwimbu urenga itoni 1000

  • Mana Dutabare #izuba Riratwishe #inzara Iratwishe Amakori N’umurengera Abandi Ngo Niturih Ama Miriyaridi Aho Umunyagihugu Muto Muto Ntagira Namafaranga 100 ryokugura akunyu ndabasabe banyakwubahwa muve muma etage muduge ruguru mumisozi murabe ayo tugowe hatagize igikorwa muzobura amafaranga n’abantu wurongera mubihinyanyure gushasha

  • inzara iraturembeje uruzuba nirwishi none umunyagihugu kwadahembwa nivyo yarimye bika vyumishijw nizuba yo mafaranga azoyakurahe? ahubwo nimuduge ruguru murabe ukwo abenegihugu bamerewe ataruko muzohava mubura amafaranga mubure nabenegihugu kubera inzara namakori

  • None abarundi batobato tugiye kuba abande!?!?

  • None abanyagihugu bo hasi tugiye kuba abande?!?!?!

  • Nimba Ibintu Bigiye Gukorwa Mwubwo Buryo None Abanyagihugu Basanzwe Tuzobaho Gute?

  • Ee!bavuga ngo tera iyo sema!abarundi batobato tugiye kubaho gute?ubukene murabona ko ubu buturembeje ariko muzane ivy’amakori naho vyagejeje ba sokuru!mbe mana uburundi buriko bugana he?

  • None nyimba biribwa bigiye juduzwa ibiciro kuruta uko bimeze ubu bonne année ya 2018 izobona acrundi bangana gute?turahonye

  • Murasubiriye Ivyi Kori Mugomba Dusubire Guhunga Na Cane Cane Abana Ba Ba Hungu?

  • Ntakundi Iyinizwe Namata Ntawundi Mwerera!Nne Kwaritwebwe Nyene Twabitoreye??Ahaaa!Mana Fasha Uburundi!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.