Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibiciro vyo kwiyunguruza hagati mu gisagara vyadugijwe
Ibiciro vyo kwiyunguruza hagati mu gisagara vyadugijwe
vendredi 13 Nzero 2017
Inyuma y’ingingo y’iduzwa ry’amatagisi ku bidandazwa bimwe bimwe nk’ibitoro no gutumatumanako biciye kuri terefone ngendanwa,hakurikiye iduzwa ry’ibiciro vyo kwiyunguruza hagati mu gisagara ca Bujumbura n’abaduga hagati mu gihugu.
Inyuma y’inama yahuze abaserukiye ubushikiranganji bw’ubudandaji,ubwo ubutare n’agataka,ubwo kwunguruza abantu n’ibintu,abaserukira amashirahamwe yunguruza abantu OTRACO na ATRABU, ibiciro vyadugijwe :
Igiciro co kwiyunguruza hagati mu gisagara ca Bujumbura cavuye ku mafaranga 292 kija ku mafaranga 350 y’amarundi,ku baja mu ma quartiers ari hagati mu gisagara.
Ku biyunguruza baja mu ma quartiers ari ku mpera z’igisagara nka Carama, Kiriri,Ruziba, Maramvya, Mirango-Rond Point,Kamesa na Buterere,igiciro nticahindutse,abiyunguruza bazotanga ayo bahora batanga.
Ku modoka zunguruza abantu zibavana mu gisagara ca Bujumbura baja mu ntara zo hagati mu gihugu,ibiciro vyaduze gushika ku bice 11 kw’ijana ,kandi ivyo bikaba biraba abantu n’ibintu.
Bitegekanijwe ko iyo ngingo ija mu ngiro kuva kuwa gatatu igenekerezo rya 12 Nzero 2017.
IGIHE
Messages
13 Nzero 2017, 11:55, par MKOMBOZI
Sio mbaa =
13 Nzero 2017, 13:29, par Kabura Jft
Ntakundi
13 Nzero 2017, 15:44
tugiyegufa
13 Nzero 2017, 19:24, par Nukonyene
Murabona Iki.
13 Nzero 2017, 20:33, par SINDAYIGAYA FIDERI
TURAGOWE KIBINTUVYOSEVYURIYE ?
13 Nzero 2017, 20:47, par Boston
vyoba bivakuki kotuguma twumva muburundi ibiciro bidugakubintu vyose vyobabivakuki?Hohotwokora iki?
13 Nzero 2017, 21:30, par Anaclet Bizi
Ingingo Yokuduza Ibiciro Ikandamiza Twebwe Abantu Batobato
13 Nzero 2017, 21:33, par Anaclet Bizi
Ingingo Yokuduza Ibiciro Ikandamiza Twebwe Abantu Batobato
13 Nzero 2017, 22:12, par MICHEL
NONETUZOBAHOGUTE?
14 Nzero 2017, 07:59, par mukerabirori
Nukuraba bakatugabaniriza ibiciro murakoze
14 Nzero 2017, 11:46, par Bonifas
Manawe Ube Utubon
14 Nzero 2017, 13:15, par eroje
ahubwo nagahomera bunwa nkokubnd amainite badugijeko 50 aho wahora ududira 3000mil ubu500mil
14 Nzero 2017, 20:21, par Bosc
Nukuri Mana Raba Icodukwiye Tabara Twebwe Abawe Nayahandi Wicecekeye Turapfa
14 Nzero 2017, 21:39, par BURUNDI
Turagowe pe dusazwe dukenye bizakwunyuka
15 Nzero 2017, 11:44, par Niyukuri Nelson
Icodusaba Nukobogabanura Ibiciro Uburundi Bugiye Kurwamukaga Twebwetugize Ngoduterefone Amayinite Agenda Nikivunga Icodusabanukomwotugabaniriza Ibiciro Muzobamukozecane
15 Nzero 2017, 14:25, par Serges
None Nikubera Iki Ibiciro Vyaduze Muma kartien Amwamwe??Ahandi Hoho Biri Gut??
15 Nzero 2017, 23:07, par HAKORINOTI
kwr turagowe imana niyo isigay kwikore ahand ho ntaco twokwishoboza
16 Nzero 2017, 16:46, par bucumi
ni kubera U Rwanda se??
18 Nzero 2017, 14:56, par Elie
imana iratubona bizokoroka nukebera amahera yohanze yaduze. tweho nizuba rira turembeje
19 Nzero 2017, 16:59, par Adronis
nonegayemwe tugiregute? mugamukwiyekuraba ukuntuvyogenda kuko Nkatwebwe Tuduga Igitega Ntitworohewe Murakoze>
20 Nzero 2017, 10:31, par CÔME
ntibitangaj ahubw ubuturimugih canyum.aba motar tweh kotutaduz kand babandany kuduc amaher yibitaz ntibiz?iman nigarukir uburund nabarund