IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibihano vyari vyafatiwe abategetsi bane b’Abarundi vyagumijweho

Ibihano vyari vyafatiwe abategetsi bane b’Abarundi vyagumijweho

lundi 23 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo bagumijweko ibihano vy’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ni Godefroid Bizimana, icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, Général Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika, Mathias Joseph Niyonzima batazira Kazungu, hamwe na Général Leonard Ngendakumana yigeze kuba ari somambike w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, akaba yikekwa ko ari mu bagerageje gutembaza ubutegetsi kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Ivyo bihano bagumijweko vyerekeye kudatembera mu bihugu vya Buraya, hamwe n’ukuzibira amatunga yabo ku mugabane wa Buraya, kuko bagirizwa ko ibikorwa vy’abo vyageramiye intwaro rusangi mu Burundi, canke vyabereye intambamyi igikorwa c’ukurondera gutorera inyishu iciye mu biganiro, mu bibazo vya poritike biri mu Burundi.

JPEG - 19.5 ko
Godefroid Bizimana, icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, umwe mu bagumijweko ibihano

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryafashe ingingo y’ukubandanya ingingo ryafatiye Uburundi, gushika kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu 2018.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ritewe umutima uhagaze n’amakuru abandanya kuvugwa kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015 ajanye n’ubwicanyi ndengerabutungane, abantu bahagarikwa bagapfungwa amategeko atubahirijwe, hamwe abantu baburirwa irengero.

Ubumwe bwa Buraya bumenyesha ko kuva hatanguye intureka za poritike mu 2015 atakirahinduka, akaba arico gituma abo bategetsi bane b’Abarundi vyagumijweho mu kindi kiringo c’umwaka umwe.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.