IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vy’intumwa za Mkapa bibandaniriza mu mirwi

Ibikorwa vy’intumwa za Mkapa bibandaniriza mu mirwi

jeudi 4 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Igikorwa c’intumwa z’umuhuza Benjamin William MKAPA ziri mu Burundi, c’ukwumviriza abatashoboye gutumirwa i Arusha mu biganiro biheruka kirabandanya mu gisagara ca Bujumbura. Kuri uwu wa kane, abariko barumvirizwa baza kugaburwa mu mirwi kugira batange ivyiyumviro vyabo ku vyokorwa mu ntumbero y’ugutorera umuti ibibazo vya poritike biri mu Burundi.

Izo ntumwa zabonanye kuri uwu wa gatatu n’imigambwe itari yatumiwe i Arusha, abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, amashirahamwe y’urwaruka, abaserukira abakenyezi, hamwe n’abaserukira amadini.

Abo barungitswe mu Burundi n’umuhuza Mkapa barongowe na Ambassadeur Bernard Mdolwa yahoze aserukira Tanzania mu Burundi.

Imbere y’uko basubira inyuma, bazokwishikira kandi mu gihugu ca Uganda, aho bazobonanira n’abahunze Uburundi bo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, abaserukira urwaruka hamwe n’abaserukira abakenyezi.


IGIHE

Messages

  • Umuhuza Nareke Gusamaza Abanyepolitike Muntumbero Yokudindiza Ibiganiro. Ngo Nkurunziza Abandanye Atwara Igihugu, Navuge Kovyamunaniye Amakungu, Na EAC Bafate Ingingo

  • Izontumwa Zirashikanimugihuguhagati Barabe Amahoroturimwo Bagende Bagendebabwira Abahunze Batahe Iwabo Abagiye Bakoze Ivyahanabo Baze Ubutungane Bubacire Imanza

  • Izontumwa Zirashikanimugihuguhagati Barabe Amahoroturimwo Bagende Bagendebabwira Abahunze Batahe Iwabo Abagiye Bakoze Ivyahanabo Baze Ubutungane Bubacire Imanza

  • Umuhuza Arik Atumwanya Kuko Nkurunziza Yatway Mandat Ya 3 Amakung Asemerra,bazomubuz Iya4? Niyijan Azoyitwara

  • Hari nivyiyumviro atanico umuntu yobivugako, nkumuntu atarumvako amakungu yatahuyeko iyi mandat ari iyakabiri ufatiye uko ibwirizwashingiro ryanditswe uyumusi. Umuhuza nawe yahawe igikorwa co kumvisa opposition ko yokwitegurira amatora ya 2020 kandi abarundi benshi biteguriye gushira harya nyene bamaze imyaka bashira kuva 2005, mwihangane Erebest burya 72 yaradukanuje kiretse uwabaye impumyi burundu.

  • Muribarya batumiwe twabonye bose ni mbonerakure, havuyemwo abakozi bi Mana gusa, abandi nabicanyi basazwe bakorana na Nkurunziza.

  • NI BAGERAGEZE KWERI KUMBE IMANA YOKWIBUKA ABAYO

  • Tuzobatwara banka bakunda kuki Buyoya agitwara atacamira kandi coup d,etat abanyagihugu barubaha . Ntagihugu muzongera kudutwarana vako!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.