Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vy’ugusaka bigiye gukorwa no mw’ijoro
Ibikorwa vy’ugusaka bigiye gukorwa no mw’ijoro
mardi 16 Rusama 2017, par
Muri Reta y’Uburundi basigura ko iyo ngingo yafashwe kubera ubukozi bw’ikibi bushasha bubandanya kwibonekeza.
"Haribonekeza ubukozi bw’ikibi bushasha buza buravuka, bisaba ko muri ico gitabu hajamwo ingingo nshasha, cane cane mu bijanye n’ugusaka, aho usanga nko ku vyaha bimwe bimwe umutahe w’ugusaka utorindirwa, ndetse n’ugusaka mw’ijoro bikazoba ngombwa.", uko niko Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi yabishikirije.
NZOBONARIBA yamenyesheje kandi ko iyo nteguro yemejwe n’inama nshikiranganji irekurira abajejwe amatohoza gusaka no mu mashine "Nyabwonko" bakavanamwo ivyo bakeneye bibafasha mu matohoza barimwo.
Messages
16 Rusama 2017, 11:13, par KADOYI Claude
Yooooohhh! Abarundi twaza twanyuruzwa rero!Kenshi bamwe muba polisi usanga arabasuma: vyumvikana ko bazoza bariba mumazu mw’ijoro bitwaje ko bariko barasaka. DANGER!!!
Ariko ntaco iryo tegeko rizomara ikiringo iyi ntwaro mbi izomara. Bref, bizotembagarana!
16 Rusama 2017, 11:38, par mahoromeza
Ubukozi bw’ikibi n’ubwo guhashwa kuko n’akaranda mubantu basanzwe bikeneye ukuaho, ubushomeri, inzara, umwiheburo n’ayandi marushwa atawokwrengagiza kuko bigaragara n’umwana abibona. Gusaka mwijoro hoba n’ingingo mperekeza kugira abikika mukiza bagakora akazi kabo nabi ntibaronke aho bamenera ngo bateze urubwa uwabahaye akazi kuko bihora biboneka ntawuzi ko baheza ngo bahanwe!!!!
16 Rusama 2017, 14:10, par kankindi
iyo ninyanduruko yogufata abagore na bigeme kunguvu tuze twabona ishano
16 Rusama 2017, 15:16, par Mediator
Ndashigikira caane ingingo yooose yo guhasha ubugizi bwa nabi , ariko mutibagira igihano co gupfa iyo mufashe indyadya yishe canke yagerageje kwica
16 Rusama 2017, 17:29, par AJ
MURUMVANYENE KWIYONGINGO YOZAYOROSHIBINTU MUKAMA JESINZI??