Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Bujumbura - Rumonge (RN3) bigiye gutangura (...)
Ibikorwa vyo gusanura ibarabara Bujumbura - Rumonge (RN3) bigiye gutangura vuba
jeudi 12 Ndamukiza 2018, par
Mu gihe icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yashikiriza abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka ivyaranguwe n’ubushikiranganji 12 bumwegukira, bamwe mu bashingametaka bashikirije ikibazo kijanye n’ibarabara risigaye ridahita neza rya Bujumbura - Rumonge (RN3) kubera ryaheze.
Kuri ico kibazo, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yishuye ati : “Ikibazo c’ibarabara rya Bujumbura - Rumonge kirakwirikiranwa ku musi ku musi. Ibikorwa vyo gukora rirya barabara bigiye gutangura vuba."
- Joseph BUTORE, Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu
Icegera c’umukuru w’igihugu yabishikirije kandi inyuma y’imyidogo y’abakoresha iryo barabara, aho bamenyesha ko ribononera imiduga kubera ryacitse, iyo imvura yaguye naho bikunyuka.
Vianney BIKORIMANA
Messages
13 Ndamukiza 2018, 14:24, par 🤣 🤣 🤣 🤣
Ni vyiza ko iryo barabara risanurwa kuko naryo ryinjiza amahera meshi mu kigega ca Leta. Ndashima ingene igisata c’ama road citwararitswe.