IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > «Ibinyoma cumi» Reta y’Uburundi ivuga ko yabeshewe

«Ibinyoma cumi» Reta y’Uburundi ivuga ko yabeshewe

jeudi 26 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Ico kiganiro catunganijwe mu gihe hasigaye amasaha make gusa kugira Uburundi buve muri Sentare mpanavyaha mpuzamakungu (CPI). Aho bukera kuri uwu wa wa gatanu igenekerezo rya 27 Gitugutu 2017, niho Uburundi buzoba buvuye muri iyo Sentare. Abavugizi batandukanye bashikirije ko ivyo binyoma vyavuzwe ku Burundi mu ntumbero y’uguhungabanya ico gihugu, hamwe n’inzego zaco. Abo bavugizi bamenyesheje ko ivyo vyiswe ibinyoma vyakwiragijwe n’Ubumwe bwa Buraya, amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu hamwe na bimwe mu bimenyeshamakuru yaba ivyo mu Burundi canke ivyo mu bindi bihugu.

Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi yamenyesheje ko ico kiganiro catunganijwe ku civugo kivuga giti : "Ukuri guca mu ziko ntigusha"

Ibintu cumi Reta y’Uburundi yita ibinyoma yabeshewe

1. Amasezerano y’i Arusha ntiyubahirizwa mu Burundi. Anicet MAHORO, umuhanuzi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yasiguye ko abanyeporitike bagiye bitwaza kenshi ayo masezerano, kandi benshi muribo bari banse kuyaterako umukono. Anicet Mahoro avuga ko inzego zihari zubahiriza amoko hamwe n’uguserukirwa kuri bose.

JPEG - 85.1 ko
Anicet MAHORO, umuhanuzi mwishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

2. Ihonyabwoko. Evelyne MANIRAGABA, umuvugizi w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu avuga ko ivy’ihonyabwoko vyatanguye kuvugwa ubwa mbere n’urunani ADC IKIBIRI ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Uburundi. Uwo avugira Gaston Sindimwo amenyesha ko n’amashirahamwe mpuzamakungu nka FIDH yagiye aravuga ko mu Burundi hariko hategurwa ihinyabwoko, ariko ko ari ikinyoma.

JPEG - 173.1 ko
Evelyne MANIRAGABA, umuvugizi w’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

3. Ibinogo rusangi vy’uguhambamwo ubwoko bumwe bw’abatutsi bishwe mw’ihonyabwoko ryateguwe na Reta. Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko ibinogo vyatanguye kuvugwa ko vyimbwe kugira bizohambwemwo Abatutsi ari ivyo mu ntara ya Kirundo hamwe na Karusi. Kubw’uwo avugira igiporisi, ivyo binogo vyari vyateguriwe ibikorwa vy’iterambere, nk’ukubika amazi y’ukuvomera imirima.

JPEG - 51.9 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

4. Ibiharuro vy’impunzi z’Abarundi. Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko ibiharuro bitangwa vy’impunzi z’Abarundi atarivyo, kuko n’abahunguka batigera babakura muri ivyo biharuro. Ku bwiwe, ibiharuro amashirahamwe ajejwe ivy’impunzi akoresha ni ivyo kwerekana ko mu Burundi vyayangaye. Therence Ntahiraja yemeza ko hari Abarundi barenga ibihumbi 180 bahungutse bava mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda, ariko batavugwa.

JPEG - 60.3 ko
Therence NTAHIRAJA, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu

5. « Gukura amenyo », « Gutera urushinge », "Ba rukoti". Espérance NDAYIZEYE, umwe mu bajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA avuga ko ivyo ari ibinyoma vyategurwa n’abarwanya ubutegetsi imbere y’amatora, kugira abantu bahunge, vyitirirwe ubutegetsi.

JPEG - 116.2 ko
Espérance NDAYIZEYE, umwe mu bajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

6. Gucanishamwo igisirikare c’Uburundi. Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi ashikiriza ko abacanishamwo abajejwe umutekano bavuga ko abahoze mu gisirikare ca kera bagizwe ahanini n’abatutsi bahohoterwa, bakumvisha abasirikare bari kugarukana amahoro mu bindi bihugu ko batashe mu Burundi bazoca bapfungwa. Colonel Baratuza avuga ko hari bamwe mu basirikare barungitswe kugarukana amahoro mu bindi bihugu birikanwa bagirizwa ivyaha babeshewe ko bakoze, kandi ku bwiwe ivyo vyaha bavyagirizwa kugira bacanishemwo abasirikare b’Uburundi.

JPEG - 107 ko
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

7. Urwaruka rw’imbonerakure rwiswe Abarwanyi "Milice". Doriane MUNEZERO, umwe mu bajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu avuga ko ivyo vyagirijwe Imbonerakure za CNDD FDD vyatanguriye kuvyo yita ikinyoma c’abaharanira agateka ka zina muntu batanguye bavuga ko Imbonerakure zija muri Kiliba Ondes muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, mu myimenyerezo ya gisirikare. Kubwa Doriane MUNEZERO abagiriza izo Mbonerakure ko ari Abarwanyi, bashatse guhera ku rwaruka kuko ku bwiwe ariho hari inguvu z’igihugu, n’iz’umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD.

JPEG - 130.8 ko
Doriane MUNEZERO, umwe mu bajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu

8. Imipanga yatanzwe kugira izokoreshwe mw’ihonyabwoko. Flora KANYANGE wo mu biro vy’umunyamabanga wa Reta y’Uburundi amenyesha ko iyo mipanga yari yatanzwe n’ubushikiranganji bw’uburimyi, kugira izokoreshwe mu migambi itandukanye y’ubwo bushikiranganji bw’uburimyi.

JPEG - 118.3 ko
Flora KANYANGE wo mu biro vy’umunyamabanga wa Reta y’Uburundi

9. Umukuru w’igihugu yagirijwe ko atungiye amafaranga menshi cane mu mabanki yo hanze. Icegeranyo giheruka gusohoka c’urunani rw’abamenyeshamakuru bakora amatohoza « PANAMA Papers », kivuga ko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yabitse mu mabanki yo hanze amafaranga y’amarundi agera ku miriyoni zirenga 450 z’amanyaburaya, mu butunzi butazwi iyo bwavuye (Enrichissement illicite). Jean Claude Karerwa Ndenzako, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko abashikiriza ivyo ari abashaka kujuragiza Abarundi. Kubwa Karerwa, ibikorwa vy’umukuru w’igihugu abikorera mu Burundi, agatanga n’ubuzi ku Barundi.

JPEG - 114.9 ko
Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA

10. Kwica abandi hamwe n’ukubanyuruza kugira vyagirizwe Reta y’Uburundi. Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko hari abagandagura abantu canke bakabanyuruzwa, mu nyuma amasanamu y’abo bantu agakwiragizwa ku mbuga ngurukanabumenyi, abakwiragiza ayo masanama bakagiriza Reta y’Uburundi ko ariyo yishe canke yanyuruje abo bantu. Kubwa Petero Nkurikiye, abo bakwiragiza ayo masanamu nibo nyene baba bishe canke banyuruje abo bantu kugira bacapfuze Reta y’Uburundi.

JPEG - 51.9 ko
Petero NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.