Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibisigarira vy’umwami Mwambutsa IV vyasubiye gushingurwa i Meryin mu (...)
Ibisigarira vy’umwami Mwambutsa IV vyasubiye gushingurwa i Meryin mu Buswise
lundi 15 Rusama 2017
Ingingo yo gusubira gushingura ibisigarira vy’umwami Mwambutsa IV yafashwe na Sentare y’igihugu c’Ubuswise ,yisunze ko umwami Mwambutsa IV yasize atanze itegeko ryo kudasubizwa mu gihugu yatwaye ,akakivako kubera indyane ziri hagati y’amoko.
Ikibanza coshingurwamwo umwami Mwambutsa IV cateye impari,kuko mu muryango bose batabona kumwe ibijanye n’igihugu yoshingurwamwo.
Mu mwaka wa 2012 ,umukobwa mukuru w’umwami Rosa Paula Iribagiza yashigikiye ko ibisigarira vya se vyozanawa mu Burundi kugira bishingurweho avuga ko vyofasha kugira abarundi basubize hamwe,ariko ku rundi ruhande mwishwa w’umwami Esther KAMATARI avuga ko umwami aguma ashinguwe mu Buswise kubera yasize avyisabiye.
Umwami Mwambutsa IV yabaye umwami w’Uburundi imyaka 51 ku ntwaro y’abadagi n’ababiligi ,imbere y’uko ahungira i Genve mu gihugu c’Ubuswise mu mwaka w’1967.