IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibitaro "Hôpital Prince Régent Charles" vyahawe umuyobozi mushasha

Ibitaro "Hôpital Prince Régent Charles" vyahawe umuyobozi mushasha

mercredi 14 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Docteur Christine Nina NIYONSAVYE yahora ariwe muyobozi mukuru wa Hôpital Prince Régent Charles kuva mu kwezi kwa Mukakaro 2016 yasubirijwe na Docteur Inès Roselyne NDUWIMANA. Uwo yahora arongoye ivyo bitaro aheruka kugirwa umuserukizi adasanzwe (Ambassadeur Extraordinaire et Plénipotentiaire), akaba kandi ari ku rutonde rw’abantu bane bemejwe n’inama nkenguzamateka y’Uburundi kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante 2017, kugira bazorungikwe guserukira Uburundi mu makungu, ariko ibihugu bazorungikwamwo ntibiramenyekana.

JPEG - 37.6 ko
Docteur Christine Nina NIYONSAVYE yahora arongoye ibitaro vyitiriwe umuganwa Regent Charles

Umukuru w’igihugu yagenye kandi Docteur Dionis NIZIGIYIMANA, umuyobozi ajejwe ubushakashatsi mw’ishure INSP (Institut National de Santé Publique), Docteur Oscar NTIRANYIBAGIRA umuyobozi w’intara y’ubuvuzi ya Makamba, hamwe na Docteur Diomède NDAYISENGA umuyobozi ajejwe ibikorwa hamwe n’imigambi mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu hamwe n’ukurwanya ikiza SIDA.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.