IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ibizorangurwa na Li YUANCHAO mu rugendo ajemwo mu Burundi

Ibizorangurwa na Li YUANCHAO mu rugendo ajemwo mu Burundi

mardi 9 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Zhuo Ruisheng, aserukira Ubushinwa mu Burundi avuga ko urwo rugendo ari urwo gushira mu ngiro ivyumvikanwe n’abakuru b’ibihugu vy’Uburundi n’Ubushinwa, mu nama yabereye mu gisagara ca Johannesburg muri Afrika y’epfo, mu kwezi kwa Kigarama 2015, ku bijanye n’imigenderanire hagati ya Afrika y’Ubushinwa.

Urwo rugendo ni urwo gukomeza kandi ubucuti bwamyeho hagati y’Uburundi n’Ubushinwa, kugira bushike ku rugero rwo hejuru, nk’uko vyashikirijwe na Zhuo Ruisheng aserukira Ubushinwa mu Burundi.

Muri urwo rugendo rw’iminsi ibiri mu Burundi, icegera c’umukuru w’igihugu c’Ubushinwa azokwakirwa n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, yongere agiranire imibonano hamwe n’ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Gaston SINDIMWO hamwe na Joseph BUTORE.

YUANCHAO azogendera kandi inyubakwa ziriko zikurikiranwa n’Ubushinwa, hamwe n’izimaze guhera ariko zubatswe n’ico gihugu. Mu bibanza azogendera, twobabwira ahariko hubakwa ikirimba c’umukuru w’igihugu, inyubakwa ikoreramwo ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta, hamwe n’inyubakwa zikorera ishure ry’imyuga ryo mu Kigobe zubatswe n’Ubushinwa.

Imigenderanire hamwe n’ugufashanya hagati y’Uburundi n’Ubushinwa yifashe neza nk’uko bivugwa n’uwuserukira ico gihugu mu Burundi, iyo nayo ikaba ibonekera mu bikorwa bitandukanye birangurwa n’Ubushinwa mu Burundi, yaba mu gisata c’amagara y’abantu, inyigisho, uburimyi, inkino, hamwe imfashanyo z’imfungurwa zitangwa n’Ubushinwa.

Nirwo rugendo rwa mbere rukozwe n’umutegetsi akomeye w’Ubushinwa, kuva imigenderanire hagati y’ivyo bihugu vyompi inaguye, kw’igenekerezo rya 21 Kigarama 1963, inyuma y’umwaka umwe gusa Uburundi buronse intahe y’ukwikukira.


NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.