Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Icegeranyo ca ONU kivuga ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegeranyo ca ONU kivuga ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi

Icegeranyo ca ONU kivuga ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi

mercredi 21 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Icegeranyo c’abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku matohoza ajanye n’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Ndamukiza umwaka w’2015 kivuga ko amabi yakozwe yerekana ko ihonyabwoko rishobora kuba mu Burundi.

Ico cegeranyo kivuga ko Uburundi bushobora n’ugukurwa mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu, abo bahinga bakoze ico cegeranyo bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, abagirizwa amabi yakozwe bashengezwe.

Abo bahinga ba ONU bavuga ko amabi yakozwe mu Burundi muri ico kiringo yagirizwa cane cane Reta y’Uburundi, kuko yakozwe n’abakozi bayo, Reta ikagirizwa kandi ko ataco yakoze kugira ihane ivyo vyaha. Nk’uko bishikirizwa n’abo bahinga, bisunze kahise k’Uburundi, ihonyabwoko rirashobora kuba.

Icegeranyo c’abahinga ba ONU kivuga amabi yakozwe mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2015, gushika kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2016. Abo bahinga bamenyesha ko muri ico kiringo bamenye ko abantu bagera ku 564 aribo bishwe, bagasaba ko ubutungane mpuzamakungu bwokurikirana abagirizwa ubwo bwicanyi. Amakungu nayo, harimwo n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, yasabwe ko yofata mu minwe ico kibazo c’Uburundi, kuko gishobora gutandukira n’umutekano w’akarere ico gihugu giherereyemwo.

Tubamenyeshe kandi ko abo bahinga basavye inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu ko yokwiga namba Uburundi bwogumizwa muri urwo rwego. Mu myaka cumi iheze hashizweho iyo nama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu, ribaye irya mbere aho kimwe mu bisata vya ONU gisabira igihugu gukurwa muri iyo nama.

Reta y’uburundi imenyesha ko yatangajwe n’uko inyishu yatanze ku cegeranyo c’abahinga baje kugira amatohoza kw’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu zitashizwe muri ico cegeranyo. Uburundi buvuga koi co cegeranyo cuzuyemwo ububeshi.

Willy Nyamitwe, umuyobozi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu avuga ko Uburundi butemera ibiri muri ico cegeranyo.
Agira ati : “Wewe wofata gute umuntu yaje kugira amatohoza, atagira ayo matohoza ahubwo aca yisunga ivyo yabwiwe n’abantu ngo bamwe bamwe bo ngaha mu Burundi, abandi ngo bagiye kubasanga mu Rwanda, abandi mu Buganda. Murumva rero ko ivyo abantu bababwira bidashobora kuba ibintu vy’ifatiro kugira ngo ugire icegeranyo cumvikana."

Willy Nyamitwe avuga kandi ati : "Abarasa mu makaritiye barazwi, abica abantu bagata ibiziga vyabo mu mabarabara barazwi, abashatse gutembagaza reta barazwi, abiyemereye bo nyene ku maradiyo no ku mboneshakure ko ari bo batera amagrenade hirya no hino yishe abantu batari bake barazwi. Ariko nta na hamwe muri ico cegeranyo ushobora kubona amazi yabo."


IGIHE

Messages

  • Oya nimba bazi kahise kuburundi ihonyabwoko ryomu72 kobataryemeza?. birabonekako muburundi ihonyambwoko rizokorwa na ONU ifatanije na KAGAME kuko nibobama barairirimba. ariko ntibihende tuzobarwanya kandi tubatsinde abarundi turimaso, nahokudukanga ngo bazodukura mumanama yabo nibabanze bakure amerika yoyo yonunisi kumugaragaro.....ukinagizumugabo keshi ukamutera kurunda ubu abarundi twararize muraza muzodusanga

  • Jembôna Amatohoza Arisawa Hanyuma Uwicaha Cagiye Ahanwe Ariko Sabarundi Bose Poritike Nigihugu Biratandukanye

  • Ntahandi Atari Muburundi Mwumva Ihohoterwa Ryabantu??

  • Génocide i Burundii sagaseseshwa rumuri. Nimyiteguro irakomeza izuba riva. Gusa akahise ntaco kigisha abategetsi. Ikizohagarika iyo génocide nibarya basirikare ba union africaine gusa

  • badukuyemwo twoca dupfa? mbe ONU ko ataciravuga muri RDC? BURUNDI in God we trust.

  • nibareke gudutamba kumivyimba aho baririmbiye genoside bakora iki kugira bahagarike ivyo binywa maraso bitakibaho bitanyoye amaraso yabana babarundi, yarabwiye ko atara kwiza igitigiri co muri 1972 none murondera iki ?

  • ABO BAZUNGU NIBAREKE KUDUHENDA TWE TURAKUNDA IGIHUGU CACU NONE GA NIBAREKE DUTWARWE NUWO TWITOREY NON BAGOMBA DUTWARWE NANDE? EREGA TURI MURI DEMOCRATIE! NIBATUREKE AHUBWO NIBARWANYE IZO NKOZI ZIBIBI ZIRI MURWANDA???

  • NIMBA ONI ITAKIMENYA IV,YIVUGA JEWE NDAYIBAJIJE MBEGA GUHERA MUMWAKA WA 1972 GUSHIKA UNOMWAKA WA 2016 IHONYABWOKO RYATANGUYE RYARI MBEGA RETA MUVUGA YOBIBAZWA NI YIHE KOHACIYE AMARETA MESHI

  • Genda kamaro urimbwa gusa

  • ico noterera nuko abishe kuva muri 1961 gushika muri 2000 nibamanze bafatwe none muvugako abantu bishwe muri 2015 gusa?ewe ONU urahengamye

  • Bashaka guhana nibatangure guhana abahereye kwicha kuva muza mirongwirindwi 72 gushika nubu none hari ahafuye inyamaswa ahandi abantu?....

  • 1) ABAJANAMA BA LONI KOBATAJA KURABA IVYO ISRAEL IKORELA ABAPALESTINA 2) AFRKA YEPFO ,KO NTARUMVA UMUZUNGU YAFASHWE , ABISHE ABIRABURA BOSE BARACARIHO. 3)BUYOYA YISHE NDADAYE,NTARYAMIRA, AKORA GENOSIDE KU NTEGA NA MARANGARA,YICA ABASODA B"ABAHUTU BARI BINJIYE KURI BAGAZA. NIBABANE BAMUFATE NDABIYAMIRIJE

  • urudandaza rwa kagame rwitunga ryiwe genocide ubu yabaye indirimbo. Ni baririmbe kugeza aho bazaruhira . Abarundi nta genocide bashaka nigume mubatware bayo murwanda. Abategereje genocide i BURUNDI amaso azabavamo akoroke hasi kuko ntayo izaba

  • Aba bantu nimubababarire kuko sibo bararwaye,aha n’uduhera duke tuboneka tuva muri ba Sindumuja bigwanako bagatanga amakori aha ibujumbura bo bibereye mu bikorane ndagutakiye za Bugenyuzi vyuzuramwo ibinywamaraso,abasuma n’abambuzi ngo biriko bisengera igihugu gishobore kwihanga za amerika na za Onu

  • None baribaziko igihugu gitwarwa numuntu na nkurumbi bibazakovyogenda gut?Jews ndamuzi mumutwe amaze comme ikirende uo nayo vyinaniye kudutara kare none nibavengaho

  • Iyo Mihimbiri Uburundi Subwabazungu Abo bashumba Bohanze Sibobubaka Uburundi Uburundi Nubw’abarund Twahawe Nimana Amahoro Nokuvyatsi Ariko Nabo Ngira Ibihugu Vyabo Ntakosa Ngira Baba Mwijuru Ibibayo Nagahomera Bunwa Katawuvuga Nuko Tutavyumva Canke Tutabibona Mwarimenyeye Barafatira Ibihano Imiryango Yabazungu Bakorera Kurusaku Mwipfuza Intambara Ntayizoba Ivyitwazo Nkivyo Ntaco Bidutwara Ubuturabona

  • NARIKUVUGAKO TWEBWE ABARUNDI TWITEGUYE GUHANGANA NA ONU KUKO IVYOBARIKO BARAVUGA BISANUKO MENGO NIBOBAGOMBA BAKORE JONUCIDE MUBURUNDI NONE NDARETSE KUKO UBU TWARAMAZE KWITEGURA BIKWIYE IYOBATUJANIRANYA LAST YEAR IGIHE BAPANGA ABAKORA KUDETA NIHO HARIHO IVYOTUTARIDUKWIJE UBUHOHO BARIHENDA BASHOHORE ABOBASHOHORA NGOBAJE KUDUKORESHA PENALITE YA JONUCIDE BAZOSANGA BARIHENZE KANDI BAZOHABONERA AMAHANO ATARIBWIGERE ABAHO MUZOCE MWEMERANEZA KO MWAHANGENYE N’IMANA MWIBAZA NGOMUHANGANYE NA BARUNDI. NAYO UWO KAGAME ABAHENDA NGO NIMUMUHE YIKORERE KUBIJANYE NU BURUNDI ARABAHENDA SANA SANA UBONAKO HARIHO NABANYARWANDA BASANZWE BAMUNYOTEWE KUMUGOTOMERA NIBAZA KOBOCA BABISHIRAMUNGIRO NIGIHE KITARAGERA BAGAKURA UWOMWANDA MUBIYAGA BININI.

  • izombwa za bazungu banyagukoma banyina. babanje kuja guheheta amavyi murwobo kwa kagame. imbere yuko baza muburundi abigisha ukuntu ya koze jenocide. akayivyaza umusaruro. iyo mbunuza. nsavye abarundi twese gufatana munda mugusenga imana. yo mushobora vyose.

  • Mukwiye Guhaguruki Ubwo Butegetsi Bugata Ibihano Nki Vya Kadafi Kuko Abarundi Turarushe

  • Ubwon’ububeshi Bashakakwambika Ibara Uburundi

  • rero ndababwire wumvirije onu niba batayibeshera ariko siyo abakozi bayo harimwo abafise ivyo bironderera k’uruhande. rw’abarundi none ntamaso bagira namatwi akahise kuburundi ndakazi baraze nanje ndabahende

  • Simuburundi Gusa Bahohotegwa Nakongo Yandukiw Imana Ibatabatr,

  • Simuburundi Gusa Bahohotegwa Nakongo Yandukiw Imana Ibatabatr,

  • abarunditwaragowe twitoreye rwagasare ndadaye nkurunziza abansi ntibemera onu. iti. demukrasi none irahinduye ishigikiye coud. ibur. uwuguma avuga jenos. rabako yoba ariko arigisha abiba urwanko. kubibaniye neza murwanda n’urudandazwa. kugira ucinyizwe wagirizwa ingengabitekerezo. ya. jenoside biba biheze. ibuka ngabire n’abandi iyo port. ibère. rwanda

  • Uwo Mugwi Wa Onu Turawiyamirij Ushaka Gucira Inzira Abansi Bamahoro Kugira Ngobaronkaho Bamenera Baze Kudusahura.Ahubwo Bavuge Ideni Dufitiy Abo Bansi Babazungu Turirihe Usanga Bashakubutare Bazobucukura Twes Dusigay Turibiziga.

  • mwabanditsi mwe iyo jenoside 72 muririmba izoza bazaniriki ? nkubu muvuga ko hapfuye abahutu none ko muri kirya gihe muri makamba hari hihwe abatutsi bobo wovuga ko bishwe nande ? kubwawe niba uzi ubwicanyi bwagiye buraba ubwo 72 bwiswe genoside murumva genoside zoba nkazingahe ? jewe ukombona ikibazo suko ibwicanyi kanaka twobuha izina kanaka abwo uwa bikoze niyicuze asabe imbabazi uwo yiciye uwiciwe nawe atange imbabazi abikuye kumutima kuko ibindivyose mwiyumvira ntaco nizo tumarira ndabarahiye

  • emwe baivuze bateba kuko izombonerakure zaratumaze

  • Mbe Amissi,
    Twebwe abarundi ivyuvuze ntanakimwe bituneze uwuzohanawe canke uwubwiye kwahanganye na USA na ONU sitwebwe barundi niwa Mushoboravyose kubwacu nuyumusi ntituba tukiriho ivyo Mushoboravyose amaze kudukorera nivyishi namba utavyibuka nakazikawe.

  • Pfamwambaye mutinde muhakane nivyomwiyemereye kwiradio komwiciye umuntu muru SNR? Muragowe bitebe betebuke tuzobibabaza

  • kamaro murek ivyavugantavyaz.nabavugakoyogwany ntabaz.gusa iconovuga nuko bafatinging batabanj kwiyumvir kubanyagihug bibaza koleta ariyiringoran?

  • Ah!! Ewe, njyewe naho noreba izi coments gusa! Uca ubona ko mu Burundi hari ikibazo kwali! Ese mwaririmba mugasenga ! Vyiza, mwarangiza mugakora comparaison y’abishwe mu moko yabo abahutu , abatutsi kweli? Mu yandi magambo bisigura ko muri kubikora ngo mwihimure.Mana tabara abarundi.

  • Ivyo UN ivuga birazwi ni propagander zingwano kandi mu Burundi ingwano twarayisezereye kuva abeneburundi babonye ivyo ONU na UE vyokoreye Lybia syria babahora petroleum ( igitor0 ) ,Never izo ndura zera ntizizosubira kuduca muryahumye mukuduteranya nta Genocide

  • Ahubwo Iryoshirahamwe Rya Onu Ntiryigerarivugisha Ukuri Non Bashakakuduha Ibihanovyiki Kand Abakoz Ivyaha Bahar?

  • urubyiruko rwabatutsi rwagombye gukora manifestation ikomeye rwamagana iyo ndirimbo genocide ikaba nitunga rya kagame.

  • Onu yibaza kariyo mana y’uburundi

  • Wewe wiyita nkotanyi !!stop there! KAGAME Ntumuzi,kdi naho wamumenya ibyabarundi ni ibyanyu!! Narimwe ntuzo ngere guhirahira kurenga umurongo! Ntaho tubarizwa mu matiku y’amoko! Ntimuduheho! Kwa juna la Yesu.

  • AYO MATOHOZA YA ONU NTABWARIYO UBU ABARUND BIBANIYE EN HARMONIE NTAWANRYA WA NGURA.

  • @Nkotanyi wewe nturi inkotanyi uri intozo y’interahamwe,za uravuga ivyo ushaka muga kuri Kagame ntuzosubire,urubahuka igihangange nka nyakubahwa Paul Kagame!ntasoni?ico muduha ngo ategeke u Burundi

  • kubera iki onu ishigikira abatutsi .Mu1972 hapfuye abahutu benshi onu yavuze iki President pierre buyoya yishe abahutu banganiki mu1987muntambara yantega namagara onu yakoze

  • kubera iki onu ishigikira abatutsi .Mu1972 hapfuye abahutu benshi onu yavuze iki President pierre buyoya yishe abahutu banganiki mu1987muntambara yantega namagara onu yakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.