Accueil > Amakuru > u Burundi > Icegeranyo ca SOS-Torture Burundi kivuga umuntu yapfiriye mw’ibohero
Icegeranyo ca SOS-Torture Burundi kivuga umuntu yapfiriye mw’ibohero
lundi 24 Ndamukiza 2017, par
Ishirahamwe SOS-Torture Burundi, mu cegeranyo ryaco ryo kuva kw’igenekerezo rya 15 gushika kurya 22 Ndamukiza 2017, ryagarutse ku mupfungwa yapfiriye mw’ibohero kubera yankiwe kuja kwivuza hanze y’ibohero.
Muri ico cegeranyo bavuga kandi abantu baharurwa muri batanu bahagaritswe amategeko atubahirijwe, muri abo hakaba harimwo abantu babiri bahize ari abasirikare. Muri SOS-Torture bavuga ko umwe muri abo basirikare yahagarikiwe i Muyinga, uwundi i Makamba, bompi bakaba barahohotewe, nk’uko iryo shirahamwe rivyemeza.
Ishirahamwe SOS-Torture rivuga kandi abantu babiri "banyurujwe", abo nabo bakaba bagizwe n’umurwizatunga umwe, hamwe n’umunyeshure umwe wa Kaminuza y’Uburundi.
IGIHE
Messages
27 Ndamukiza 2017, 05:42, par mutunzi
abobanyurujwe nayambwa ngoni wakera