Accueil > Amakuru > u Burundi > Icuka ni kibi mw’ibohero rikuru ryo mu Rumonge
Icuka ni kibi mw’ibohero rikuru ryo mu Rumonge
mercredi 5 Ndamukiza 2017
Abapfungwa bo mw’ibohero rikuru ryo mu Rumonge ku Murembwe bacanyemwo kubera ukutumvikana ku kibazo c’ababaserukira baheruka gushirwaho.
Abapfungwa biyita abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko ubuyobozi bw’ibohero bwabashiriyeho ababaserukira bakomoka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, bagasaba ko hotunganwa amatora bakihitiramwo bonyene.
Ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Rumonge baheruka gushiraho abaserukira abapfungwa. Amakuru ava muri iryo bohero avuga ko ku baserukira abandi bagera kuri cumi, ata n’umwe yatowe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi.
Kuva aho, ukwinubana kwaciye gutangura, amakuru ava muri iryo bohero akavuga mbere abo baserukira abandi bashizweho baciye basambura akazu (Kiosque) k’umunywanyi wa MSD ari mu barongoye abandi, Nathan NDAYONGEJE, ari navyo vyongereje icuka kibi muri iryo bohero.
Imirwi ibiri yaciye ivuka : Abayoboka ubutegetsi bwa CNDD FDD bashima abo babaserukira, hamwe n’abavuga ko batavuga rumwe n’ubutegetsi basaba ko bokwitorera ababaserukira.
Ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Rumonge bukaba buriko buragerageza kwumvikanisha izo mpande zompi
IGIHE
Messages
5 Ndamukiza 2017, 17:21, par Lambert
Nibabarek Nne Bitorer.Ub Rer Ntahant Nahamw Imigambw Idakor?
5 Ndamukiza 2017, 21:44, par Augustin
Rabe muko mwobumvikanisha.
6 Ndamukiza 2017, 10:48, par Wakera
None nkizo Mbonerakure ko ziyoboka Leta y’icaduka nibazirekure turabe!!! Mbega ibijujuuuuu!!! Bazopfa rubi
6 Ndamukiza 2017, 10:56, par Joseph
hahahahahaha umugambwe uri kubutegetsi mugasho!! abarudi twirwariy mu mitwe pe!
6 Ndamukiza 2017, 11:42, par SUGURU SEBASTIEN
MBEGA BAPFA UBUSA KO BOSE BABOSHWE! IYOBABA BAPFA IMIGAMBWE NTI BARI KWINJIRA IBOHERO! NI MIHIMBIRI
10 Ndamukiza 2017, 09:43, par kabizi
tekana mwes murabanyororo sha none k mutari bukivanemwo rindira ikigongwr ca nyakubahwa notre president