IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igihugu c’Ubuswise gisaba impande zose mu Burundi gusubira mu (...)

Igihugu c’Ubuswise gisaba impande zose mu Burundi gusubira mu biganiro

mercredi 16 mai 2018

Nk’uko biri mw’itangazo ry’igisata kijejwe imigenderanire ya Swise n’ibindi bihugu, amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro agiye kuba mu gihe hari abaterwa ubwoba n’uruhagarara mu vya poritike, kandi ata biganiro vya poritike bihari hagati y’abarundi basanzwe n’abanyeporitike.

Muri iryo tangazo, igihugu c’Ubuswise cemeza ko cemera ubwigenge bw’Uburundi mu bijanye n’amatora n’amategeko, ariko kikamenyesha ko kidashimishwa n’uko ibwirizwa nshingiro rishasha ryagiye ahabona ritevye.

Igihugu c’Ubuswise kimenyesha ko ihagarikwa ry’amaradiyo BBC n’ijwi rya Amerika VOA, ikurikiranwa ry’abamenyeshamakuru mu mwuga bakora, ihagarikwa hadakurikijwe amategeko, ibihano bikomeye bihabwa abaharanira agateka ka zina muntu, hamwe n’ikomezwa ry’amategeko mpanavyaha, vyerekana ukugabanuka kw’ubwigenge nyamukuru mu Burundi.

Nk’igihugu cashigikiye amaserano ya Arusha, Ubuswise buhamagarira abategetsi b’Uburundi kwubaha ayo masezerano mu mpande zose, kuko yari yafashije igihugu kuronka amahoro, abera kandi akarorero ibindi bihugu.

Igihugu kirangiza ciyamiriza ubwicanyi bwabereye ku mutumba Ruhagarika, komine Buganda, intara ya Cibitoke, kigasaba abategetsi gukora amatohoza yigenga kuri ubwo bwicanyi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.