Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igiturire cavuzwe ku rugero rwo hejuru mu butungane n’igiporisi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Igiturire cavuzwe ku rugero rwo hejuru mu butungane n’igiporisi

Igiturire cavuzwe ku rugero rwo hejuru mu butungane n’igiporisi

samedi 25 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Icegeranyo c’umurwi wamaho w’abashingamateka b’Uburundi bajejwe intwaro ibereye cerekanye ko igiturire ciraye mu bisata bimwe bimwe vy’ubutegetsi bw’Uburundi.
Igisata c’ubutungane hamwe n’igiporisi nivyo vyavuzwemwo ruswa yo ku rugero rwo hejuru, ariko ico giturire kikaba kivurwa kandi mu bisata vy’inyigisho, ubudandaji, ubuvuzi, ubutare n’agataka hamwe n’igisata c’ugutanga amasoko.

Abashingamateka bakoze ico cegeranyo bavuga ko bagendeye intara zigera kuri 12 z’Uburundi, aho biboneye uko ibijanye n’ukurya igiturire vyifashe, ubutungane bukaba aribwo buza kw’isonga.

Serge NDAYIRAGIJE, umushikiranganji ajejwe intwaro ibereye yamenyesheje ko abacamanza hamwe n’abaporisi bigenza neza bariho, ko abarya igiturire ari abaca kubiri n’inyigisho baba bahawe, abo nabo bagahanwa ku gatwe kabo.

Uwo murwi wamaho w’amashingamateka b’Uburundi bajejwe intwaro ibereye wasavye ko hohinduka ingingo zimwe zimwe zo mu mategeko yo kurwanya igiturire.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.