IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ihuriro rya mbere ry’urwaruka rwo muri Afrika ryatanguye i Bujumbura

Ihuriro rya mbere ry’urwaruka rwo muri Afrika ryatanguye i Bujumbura

lundi 21 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bivugwa n’umukuru wa AJAP Africaine, ishirahamwe ryatunganije iryo huriro, ihangiro ni ukuraba ico urwaruka rwokora kugira rushobore kuronka Afrika yiyunze kandi iteye imbere, hamwe n’ugushira hamwe intererano z’urwaruka zofasha ama Reta kumenya ico yokora kugira urwaruka ruve mu ngorane rurimwo.

Eric NSENGIMANA, umukuru w’ishirahamwe AJAP Africaine avuga ko urwaruka rwitavye iryo huriro rukwunguka vyinshi.

"Urwaruka ruriteze ibizorufasha, nka cane cane ca kigega dushaka gushinga c’ukuziganiriza urwaruka muri Afrika. Tuzohanahana ivyuyumviro vy’ingene twoshobora kwikura mu bukene twebwe nyene. Urwaruka ruriteze n’inyigisho zidasanzwe zizorufasha kuva mu ndyane za poritike."

JPEG - 3.8 Mo
Eric NSENGIMANA, umukuru w’ishirahamwe AJAP Africaine

Mu bibazo bihanze urwaruka muri Afrika, ishirahamwe AJAP rivuga ibura ry’akazi, urwaruka rukoreshwa mu ndyane za poritike, muri iryo shirahamwe bakavuga ko bagiye kwegeranya ivyiyumviro vy’ivyokorwa kugira izo ngorane zihagarare, urwaruka rushobore kwiteza imbere.

NSENGIMANA Eric abandanya agira ati : "Mu mwaka w’2015, urwaruka rwo mu Burundi rwarapfunzwe, abandi baricwa, ivyo si agaseseshwarumuri. Muri Afrika urwaruka rukunze kugira ingaruka z’ingorane za poritike z’ibihugu rubamwo, ivyo vyose dushaka ko bihagarara, tureke kwama dukoreshwa tutari ibikoresho"

Iryo huriro rya mbere ry’urwaruka ku rwego rwa Afrika ryatunganijwe ku civugo : "Umugabane wa Afrika, urwaruka rwiyemeje kugira ico rukora : Ni uruhe ruhara urwaruka rwa Afrika rwoterera maze ngo turonke Afrika itekanye, iteye imbere muvy’ubutunzi, ikomeye kandi irangwa n’ubumwe ?".


Egide NDUWIMANA

Messages

  • urwaruka nibo bashingantahe b’ejo, ni bo mushinge w’iterambere, ni bo bategetsi b’ejo hazoza! Uruhara nyamukuru n’ugushigikira amahoro, ubumwe n’umutekano biciye mumigambi yakazoza, mugukorera ineza yabo ubwabo n’igihugu cabibarutse, na cane cane mukwiyumvira ico bokora ngo bave mubukene n’inzara kuko ingorane nyamukuru ari iyi nda, ariyo abaduteranya bahagararako kugira baducanishemwo!

  • Mwoba mwavuze ko leta yanyu igomba guhagarika gukoresha imbonerakure amabi ko nabo ari urwaruka? Murakoze

  • Ntakintu nakimwe kizima kizova muriyo nama,kereka nimba CNDD-FDD igiye gutanga icigwa co kwica kuko ubwenge bwobwo ntabwo

  • rwaruka muri urumuri rwa continent yacu Afrika ndabahanura kuja inama nziza iteza imbere umugabane wacu wa Africa mugashigikira amigambi yama leta yanyu atari mubikorwa vyo guhungabanya umutekano muja mumigumuko.

  • Nimutekereze.muburundi amahoro niyose.TWEBWE NTAMUGAMBWE TURIMWO,TWEBWE NI ISHIRAHAMWE RITAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIKE

  • Nimutekereze.muburundi amahoro niyose.TWEBWE NTAMUGAMBWE TURIMWO,TWEBWE NI ISHIRAHAMWE RITAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIKE

  • Nimutekereze.muburundi amahoro niyose.TWEBWE NTAMUGAMBWE TURIMWO,TWEBWE NI ISHIRAHAMWE RITAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIKE

  • Nimutekereze.muburundi amahoro niyose.TWEBWE NTAMUGAMBWE TURIMWO,TWEBWE NI ISHIRAHAMWE RITAHARANIRA INYUNGU ZA POLITIKE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.