Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikawa yari itwawe mu Rwanda yafashwe
Ikawa yari itwawe mu Rwanda yafashwe
mardi 29 Myandagaro 2017, par
Iyo kawa yafashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha indwi n’iminota mirongo itatu. Abayifatanwe ni abagabo batandatu aribo Nyandwi Gervais, Nizeyimana Audace, Mizero Therence, Nizigiyimana Jean, Ndereyimana Paul hamwe na Nsengiyumva Boniface.
- Abafatanwe ikawa yari itwawe kudandazwa mu Rwanda
Abo bagabo bafatanwe iyo kawa baciye bashikirizwa Parake ya Kayanza kugira ibacire urubanza.
- Iyo kawa yafatiwe muri komine Kabarore
Egide NDUWIMANA
Messages
29 Myandagaro 2017, 11:39, par nephtalie
n’ibara kubona hari abarundi bataravavanura n’ingendo ya fraude kandi haheruka gufatwa ibitenge bivuye muri congo . Abashinzwe gucungera umutekano kumbibe z’igihugu cacu bokwama barikanuye kugira batuze fraude na canecane mw’ijoro kuko fraude isubiza inyuma ubutunzi bw’igihugu nanyaburya iyo kawa yacu y’akanovera ifitiye akamaro igihugu.Nibabahane vy’akarorero kugira nabakibitekereza babihebe.
31 Myandagaro 2017, 13:05, par masumbuko
Ikibabaje n’uko u Rwanda rusigaye ruvuga ko ikawa y’akanovera irangwa mu Rwanda kandi iyo lawa berekana mu makungu iba yavuye mu Burundi. Co kimwe na minerais zimwe zimwe: izo u Rwanda rushira imbere n’iziba zavuye mu Burundi.
1er Nyakanga 2017, 14:35, par P.ANTOINE
NDASHIMIYE CANE ABAJEJWE IMBIBE IMANA IBAHE UMUGISHA . ABO BAFASHWE NABANSI BITERAMBERE RYUBURUNDI NIMUBAHANE NIKO KAZI KANYU