Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikinyamakuru IWACU cafatiwe ibihano na CNC
Ikinyamakuru IWACU cafatiwe ibihano na CNC
mercredi 11 Ndamukiza 2018, par
KARENGA Ramadhan, umukuru w’urwego CNC avuga ko ico kinyamakuru caretse ivyiyumviro bitubahiriza amategeko y’umwuga w’ukumenyeshamakuru birarengana kuri urwo rubuga rw’ivyiyumviro vy’abasomyi b’ikinyamakuru IWACU.
"Twarasuzumye ivyanditswe muri IWACU mu vyiyumviro bitangwa n’abasoma twita [Rubrique Commentaires.] Ni ukuraba ivyo umuntu avuze, iyo biciye kubiri n’amategeko, nturekuriwe nk’umunyamakuru kubireka bikandikwa canke bikavugwa. Kuri ivyo rero twafashe ingingo y’uguhagarika ku kiringo c’amezi atatu igisata kijanye n’ugutanga ivyiyumviro ku buhinga bwa none"
- KARENGA Ramadhan, umukuru wa CNC
Igisata c’ivyiyumviro mu kinyamakuru gifatiwe ibihano ku ncuro ya kabiri, kuko mu mwaka w’2013, ico gisata cari cahagaritswe mu kiringo c’ukwezi kumwe, ico gihe urwego CNC rukaba rwagirije ikinyamakuru IWACU co caretse ivyiyumviro bityoza umukuru w’igihugu kandi bihungabanya umutekano w’igihugu birarengana.
Egide NDUWIMANA
Messages
11 Ndamukiza 2018, 15:43, par kankindi
iconico
12 Ndamukiza 2018, 16:13, par Mama
Ninkabobantu bazabarandika ivyobabona kwarivyokorako ibinyamakuru vyacu!