IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ikinyamakuru IWACU cafatiwe ibihano na CNC

Ikinyamakuru IWACU cafatiwe ibihano na CNC

mercredi 11 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

KARENGA Ramadhan, umukuru w’urwego CNC avuga ko ico kinyamakuru caretse ivyiyumviro bitubahiriza amategeko y’umwuga w’ukumenyeshamakuru birarengana kuri urwo rubuga rw’ivyiyumviro vy’abasomyi b’ikinyamakuru IWACU.

"Twarasuzumye ivyanditswe muri IWACU mu vyiyumviro bitangwa n’abasoma twita [Rubrique Commentaires.] Ni ukuraba ivyo umuntu avuze, iyo biciye kubiri n’amategeko, nturekuriwe nk’umunyamakuru kubireka bikandikwa canke bikavugwa. Kuri ivyo rero twafashe ingingo y’uguhagarika ku kiringo c’amezi atatu igisata kijanye n’ugutanga ivyiyumviro ku buhinga bwa none"

JPEG - 72.5 ko
KARENGA Ramadhan, umukuru wa CNC

Igisata c’ivyiyumviro mu kinyamakuru gifatiwe ibihano ku ncuro ya kabiri, kuko mu mwaka w’2013, ico gisata cari cahagaritswe mu kiringo c’ukwezi kumwe, ico gihe urwego CNC rukaba rwagirije ikinyamakuru IWACU co caretse ivyiyumviro bityoza umukuru w’igihugu kandi bihungabanya umutekano w’igihugu birarengana.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.