Accueil > Amakuru > u Burundi > Imboneshakure y’igihugu izokwereka ikibiriraho inkino 32 z’igikombe (...)
Imboneshakure y’igihugu izokwereka ikibiriraho inkino 32 z’igikombe c’isi
samedi 9 juin 2018
Salvator NIZIGIYIMANA arongoye insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu, avuga ko yamaze kuvugana nabo vyega bose kugira bazoshobore kuronka uburenganzira bwo kwerekana inkino z’igikombe c’isi zizobera mu gihugu c’Uburusiya kuva kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi gushika kurya 15 Mukakaro 2018.
Umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu RTNB , avuga ko bahejeje kuvugana ku masezerano yo kwerekana ikibiriraho inkino 32 muri 64 z ‘ihiganwa ry’igikombe c’isi.
Ku bijanye n’inkino zizokwerekanwa, Salvator NIZIGIYIMANA, amenyesha ko bazokwerekana kandi inkino zo gukurakuranamwo, iz’igice c’umunani gishira ica nyuma, igice ca kane gishira ica nyuma, ica kabiri gishira ica nyuma n’urukino rwa nyuma.
- Salvator NZIGIYIMANA, Umuyobozi w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu
Salvator NIZIGIYAMANA avuga kandi ko, kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi, imboneshakure y’igihugu izokwerekana ibirori vyo kwugurura ihiganwa kandi bakazokwerekana n’ibirori vyo gusozera ihiganwa, bizoba kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro 2018.
Umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’iguhugu RTNB, amenyesha ko abarundi badakeneye kwama bumva canke babona amakuru ya poritike gusa, ariko bakeneye no kuryoherwa bakaronka akaryo ko gutwenga no kunezerwa.
MUGISHA Van Naris
Messages
9 juin 2018, 19:07, par Jonas ngiririmana
Murabagabo nka nkurunziza pierre nagomba ngure décoder none reka ndayagure icupa.
9 juin 2018, 19:07, par Jonas ngiririmana
Murabagabo nka nkurunziza pierre nagomba ngure décoder none reka ndayagure icupa.
10 juin 2018, 08:39, par gakwavu
ego ark television yuburundi ntifata hose za murakora ibintu birama kand bikomey murakoz
10 juin 2018, 10:16, par Eric Iranzi
birahimbaye cane kuba rtnb igize ico ciyumviro cokutugezaho inkino z’igikombe c’isi natwe abatkunzi bayo tugiye kuyikurikirana ijoro n’umurango tunezerewe gose twishimiye n’ivyiza ikomez kutugezaho
11 juin 2018, 15:30, par ALPHONSE
mugerageae TV yanyu igendane nigihe (Digital) umenga mugikorera muri Analogue ?