IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imiryango ikenye kurusha iyindi igiye gutangura guhembwa ku (...)

Imiryango ikenye kurusha iyindi igiye gutangura guhembwa ku kwezi

mardi 2 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi iremeza ko ibibazo vy’ubutunzi bihari mu Burundi, ariko ikavuga ko ishaka, umwete n’ubwira ku bakozi ariyo nzira irashe yo kuva muri ivyo bibazo. Ni muri iyo ntumbero Reta ivuga ko igiye kuza iratanga imfashanyo y’amafaranga ku kwezi ku kwezi, ku miryango ikenye kurusha iyindi mu Burundi.

Mw’ijambo yashikirije ariko yipfuriza Abarundi umunsi mukuru mwiza w’abakozi n’akazi, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko kuva Reta ihagurukiye ikibazo c’akazi n’ubukene, urwaruka ruriko rurahindura ingendo mu kwijukira gukorera hamwe no mu gushinga amashirahamwe yarwo bwite, rubifashijwemwo n’ikigo kijejwe gushira mu ngiro umugambi w’Igihugu wo kunagura no kugwiza akazi, hamwe n’abafasha Uburundi mu gisata co kugwiza no guteza imbere akazi.

Petero NKURUNZIZA yasavye amashirahamwe yose ko yokorana n’ico ikigo, amenyeshe ubuzi bwose atanga, kugira ababurondera bose babumenye. Yasavye kandi ko ka mwanawamama na mpingayanje vyoranduranwa n’imizi, akazi kakaronswa abagashoboye.

Reta y’Uburundi imenyesha ko mu bijanye n’ukurwanya ubukene, mu misi ya vuba, Uburundi bufashijwe n’Ibanki y’isi yose, bugiye gutanguza vuba umugambi wo gufasha imiryango ishika ku bihumbi 48 mu kubaha amahera 20.000 ku kwezi mu kiringo c’imyaka ibiri n’igice, kugira bisununure, babigishe n’imigambi izotuma bava muri ubwo bukene. Ivyo bikazotanguzwa mu ntara 4, imbere y’uko bikwiragizwa mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi.

Kuri uwo mugambi, Reta igira iti : "Biraboneka neza rero ko nitwagwiza imigambi nk’iyo dushobora gushika kuri rya hangiro ry’ingene twipfuza ko igihugu cacu coba kimeze mu 2025, ubukene n’ubushomeri vyagabanutse bimwe biboneka, ukuzera inze bisigaye ari umugani mu gihugu cacu."


IGIHE

Messages

  • Bagire bahembe imbonerakure kumugaragaro! Muribesha ntanayo muzoronka!!!!!

  • Iryo Jambo Ry’umukuru W’igihugu Ni Ryiza Vyogenda Uko Nyene Vyoba Ari Sawa.

  • Imana ikujimbere nyakubahwa kumigambi myiza ufitiye abarundi nuburundi ,vyerekana urukundo ufitiye abeneburundi .Imana yugurure inzirazose zugaye imigambi yanyu ishike kubomwayiteguriye neza,turafashanya mugusenga tubasengera dusengera nigihugu cacu kuko ahotwipfuza tuzohashikanwa n Imana yacu.nosaba abarundi twese gushigikira imigambi itezimbere twebwenyene hamwe nimigambi ya Leta yose kuko Leta nitwebwenyene , tudakoranyenayo tudafashanije ntahotwoshika .ariko ikiziriko cimigozi3 ntigicika vuba harambe kandihabeho nyakubahwa NKURUNZIZA PETERO nimigambiyiwe yose .abamwanka bamwandureko

  • mubaye ambambere mu barongoye i cogihugu mwibutse gutabara bantaho nikora 11 yeurs.buyoya nawe ngwashaka kugaruka kunwa amaraso yabarundi .imyaka nimyaka batwaye imfashanyo arirya nawe ata numusarani yigeze yubakira umurundi.nimutwemerere gusa iryo bwirizwa nshingiro rihinduke abarundi twikorere akantu kazumiza isi.hama abakugwanya bazoze agufukamire mwirambire muvyeyi

  • mubaye ambambere mu barongoye i cogihugu mwibutse gutabara bantaho nikora 11 yeurs.buyoya nawe ngwashaka kugaruka kunwa amaraso yabarundi .imyaka nimyaka batwaye imfashanyo arirya nawe ata numusarani yigeze yubakira umurundi.nimutwemerere gusa iryo bwirizwa nshingiro rihinduke abarundi twikorere akantu kazumiza isi.hama abakugwanya bazoze agufukamire mwirambire muvyeyi

  • @Wakera, ikibi nukowarikuvugako ayomahera azohabwa abanyamahanga atari abarundi, nayokuvugako azohabwa Imbonerakure wabivuzeneza kuko twese abarundi turi Imbonerakure, ikindi nuko atazohabwa abantunkawe bahisemwo gukorana nabamwe biyise intore za Kagame batanguye gukora amabi nkayakozwe nabamwe mubitwa Interahamwe, nubuhoza umuntu agakora ikibi nkicakozwe ninkotanyi 94 abobiyita Inzore bokora amabi arenze ayakozwe n’Interahamwe.

  • bobabayafise,abantubakicwaninzara??

  • TERIMBERE SE NKURUNZIZA TUKURINYUMA

  • Nukuri Nukuri Nyakwubahwa Prsdt Petero Nkurunziza Abaye Uwambere Muri Afrika ,nagomba Mbaze Kwa Kagame Ntahonikora Ahembwa Angahe? Niharambe Se Barundi Akuye Uburundi Hahandi Mutibagiye

  • Ni vyiza gose gufasha abafise bike kuko ari Abarundi mugabo nyakubahwa mukuru w’ igihugu ni guca ubibutsa no kuvyara kurugero kuko ni n´icaha guvyara abana benshi udashobora kuronka igene ushobora kubatunga.
    Kuko amatonga yaraze, abanyagihugu murinda kubasigurira ko barinda kuvyara bake.

  • hhhhhhh, ibihugu biragwira peee ?? aho gufasha abaturage kugira icyo bakora murabakangurira kuba abanebwe kugirango igihugu kibatunge ? ahubwo ubundi igihugu aricyo gitungwa na amaboko y’abaturage bacyo .aho gutanga iyo mfashanyo rero ahubwo reta ishaka imirimo abo baturege bajya bakora hanyuma ikabahemba . urugero niba reta ishaka gukora umuhanda agantu mu karere abaturage bo muri ako karere bakaba aribo bahabwamo akazi hanyuma bagahembwa ??? ibyo byarashobotse mu Rwanda ibyo bita V.U.P kandi birafasha .naho ubu abaturage bose bagiye kuzareka gukora bategereze imfashanyo za reta rero.

  • Wowe wiyise NIWE uba uvuga ngo Kagame ahemba bangahe ukeka ko mu Rwanda harabatindi bahatuye nabari n’abarundi bahaje kuva kera abarundi baza kuduhingira no kuturagira inka nindi mirimo yo murugo kandi namwe murabizi ko Turabahaka Mugahakwa ahubwo mwari mukwiye kudushimira kuko tubarera abatindi banyu

  • Wowe wiyise NIWE uba uvuga ngo Kagame ahemba bangahe ukeka ko mu Rwanda harabatindi bahatuye nabari n’abarundi bahaje kuva kera abarundi baza kuduhingira no kuturagira inka nindi mirimo yo murugo kandi namwe murabizi ko Turabahaka Mugahakwa ahubwo mwari mukwiye kudushimira kuko tubarera abatindi banyu

  • Nyakubahwananjendagushimiye
    Mwizinarya,yesu
    Kukigoromwagizekubatishoboye
    Nashakandagusabe
    Wibuke,abakozibimana
    Kugirababemurabo,mubaterintege
    Kukonawe,urumukoziwimana
    Urabizi

  • nimwaba mwaratanguye kwimba nickel hoho abarundi twempi tuzoca twuguruza amakonte
    ariko icombona ivyobintu bije guyeranya abarundi kuko twese turakenye

  • Sinizera Ko Bizoshoboka Arik Reka Tubisengere Imana Izobikora

  • Niharambe Uburundi Nabarundi Harambe Se Barundi

    Gusa Rero Iyongingo Ninziza Kandi Ntawutoyikenguruka Hama Nyakwubahwa Perezida Wa Repuburika Ubukene Abenegihugu Barimwo Ubu Butagira Izina Ibice Birenga 90% Ubifitemwo Uruhara Jew Ndakunda Uburundi Nkanakunda Nabarundi Nukuri Ndakumbuye Uwo Wariwe Muri 2005 Aho Wari Ufite Inyota Numwumwa Woguteza Igihugu Cacu Imbere Ukakigeza Kurugero Ruhanitse Gusa Vyose Ubu Usa Nuwabitey Umugongo Inzara Ubukene Birarembeje Abarundi.
    Raba Mukarere Turimwo Uburundi Ntibugira Umuyagankuba Batubwira Ko Turi Mubihugu Bike Vya Afurika Bifite Amazi Menshi Ariko Abenegihugu Bawe Nibo Bakinwa Inzuzi Zitemba Hafi Kubice 80% Sinzi Ikibura... Nyakwubahwa Ndaziko Mwavuye Kurugamba Rwogutabara Uburundi Munyotew Mushonje Guteza Imbere Igihugu... None Vyagenze Gut Ngo Tuje Mukaga Kangana Utya?

    Niharambe Uburundi N’abarundi Niharambe Se Barundi...

    Murakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.