IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyidogo y’abarimyi yagabanutse ku kibazo c’imvura hamwe n’ifumbire (...)

Imyidogo y’abarimyi yagabanutse ku kibazo c’imvura hamwe n’ifumbire y’ikizungu

mardi 6 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Amakuru dukura mu gihugu hagati, n’uko imvura yaraye iguye mw’ijoro ryo kuwa 5 rishira uwa 6 Ntwarante 2018 ku rugero rushimishije nka hose mu mu ntara zigize igihugu.

Mu ntara ya Muramvya, Harimungu Raymond, umurimyi waho avuga ati : "Imvura twahora dukeneye mu burimyi bwacu yaraye ibonetse, twahora turonka akavura gake gake, kandi kadashemeye. Ubu imirima yacu igiye kumererwa neza."

Ku kibazo c’ikena ry’umwavu naho, uwo munyagihugu yavuze ati : "Twaridoze cane kuko twari twihebuye ko tutazoronka umwavu, ariko kugeza ubu turashimira Reta ku gikorwa ciza yakoze ikaturonsa umwavu. Kugeza ubu, nta murimyi n’umwe atishimira ukwo kuronswa umwavu w’ikizungu."

Mu ntara ya Bujumbura, naho nyene imvura yaraye iguye ku rugero rushimishije. Umuyobozi w’uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara, Daniel MAZARAHISHA, ahamagarira abarimyi gutera ibiharage, ibiterwa vyo mu mwonga hatibagiwe ibiterwa mbumbarugo nk’ibijumbu hamwe n’amateke.

Ku cerekeye umwavu, umuyobozi Daniel MAZARAHISHA amenyesha ko itoni z’umwavu 760,25 zari zikenewe mu karere agendura, ko ibice 70 kw’ijana vyashitse mu ntara, kandi ko uwo mwavu uriko uratangwa. Amenyesha ko aho umwavu utaratangwa ugiye kuhashika vuba.

Imvura canke umwavu bibonetse mu gihe abarundi, na cane cane abarimyi, arivyo bama bahanze amaso, kuko mu gihe ivyo bibuze, inzara itera mu barundi mu gihe tuzi ko hafi ibice birenga 90 kw’ijana vy’abarundi bibeshejweho n’uburimyi.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.