IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama Nkuru y’Ubumwe isaba abarundi kuguma bafatanye mu nda mu butandukane (...)

Inama Nkuru y’Ubumwe isaba abarundi kuguma bafatanye mu nda mu butandukane bwabo

vendredi 1er juin 2018

Mw’itangazo Inama Nkuru y’Ubumwe no kunywanisha abarundi yashize ahabona kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Ruheshi 2018, imenyesha ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro yabaye mu mhoro n’umutekano mu gihugu cose.

Muri iryo tangazo, Inama Nkuru y’Ubumwe no kunywanisha abarundi, yibutsa ko amatora ava mu biganiro vyabaye mu gihugu cose kuvyerekeye ivyohindurwa mw’ibwirizwa nshingiro ryo mu mwaka wa 2005.

Inama Nkuru y’Ubumwe no kunywanisha abarundi, ivuga kandi ko, kubera amatora yabaye, abarundi berekanye igikorwa co gukunda igihugu, bereka amakungu kandi ko bashoboye kurwanira no guhagararira intambwe bashitseko y’intwaro rusangi.

JPEG - 212.8 ko
Abagize Imana Nkuru y’Ubumwe no Kunywanisha

Inama Nkuru y’Ubumwe no kunywanisha abarundi isaba amakungu gushigikira Uburundi mu gikorwa co kurondera amahoro, na cane cane mu kwirinda kuzura akaboze kacanishijemwo kandi kasinzikaje abarundi.

Mu kurangiza, Inama Nkuru y’Ubumwe no kunywanisha abarundi ihamagarira abarundi kuguma bafatanye munda mu butandukane bwabo, cane cane abatoye Ego n’abatoye Oya, na cane cane bagashira imbere inyungu z’igihugu, kuko ibwirizwa nshingiro ari iry’abarundi bose.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Mbega nagira mu Burundi abobarikwita banyamuke barikuba Abatwa ?
    Ivyovyerekana ko babonyeko abantu boroshe kugumura noguhenda ari abatutsi, ariko ububaramaze kubamenya kwarabashaka kwama babateje inyankane hagati yayandi moko.

  • Mbe ivyo bintu mwama muvuga kubatutsi nibiki murumva bidoga ?!Canke mubonaa bihoreye bikabatera ishavu n’amakenga. Guillaume reka kurya indya y’umugayo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.