Accueil > Amakuru > u Burundi > Abaserukiye ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bakoraniye mu nama i (...)
Abaserukiye ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bakoraniye mu nama i Bujumbura
jeudi 22 Ruheshi 2017, par
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko, Liberat Mpfumukeko, mw’ijambo yashikirije ry’ukwugurura iyo nama, yamenyesheje ko ari akaryo keza k’ukuvugana ibijanye n’ibikorwa vya Afrika y’ubuseruko, uguhanahana ivyiyumviro hamwe n’ugusangira n’abandi ubumenyi butandukanye bw’abikorera ivyabo mu bihugu bigize iryo shirahamwe. Abitavye iyo nama barabira hamwe kandi ivyokorwa kugira ibihugu biri muri Afrika y’ubuseruko bibandanye kwiteza imbere.
- Liberat MPFUMUKEKO, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko
Icivugo c’iyo nama ni " Imyaka 15 ya EAC : Tugenda tugana ishirahamwe ritagira imbibe."
Imigambi iryo shirahamwe ririko rirarangura ikaba igizwe n’ukurabira hamwe ingene ibihugu bigize uwo muryango vyoza birahanahana abakozi, ukworohereza abatozwakori bo muri ivyo bihugu, ugushiraho amategeko amwe mu bijanye n’itangwa ry’amakori mw’isoko rusangi ya Afrika y’ubuseruko, hamwe n’uwiga ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none mw’ihanahanwa ry’ibidandazwa.
Iyo nama yabereye i Bujumbura mu Burundi mu gihe bamwe mu bagize urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike bo mw’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko bandikiye umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe, bamubwira ko batazokwitaba iyo nama, mu kwifadikanya na bagenzi babo b’Abarundi bahunze, kandi badashobora kuza muri iyo nama mu gihugu c’Uburundi.
Igihugu ca Sudani y’epfo giheruka kwemererwa kwinjira mu muryango wa Afrika y’ubuseruko citavye iyo nama, tukabamenyesha ko n’igihugu c’Urwanda cari kimaze iminsi kititaba inama zibera mu Burundi cari caserukiwe.
Egide NDUWIMANA
Messages
22 Ruheshi 2017, 15:06, par eric
shame abo banyarwnda nibenewacu bazoteba bihanure ngirango
23 Ruheshi 2017, 21:22, par BANZUBAZE
NDASHIMYE KWABANYARWANDA BAJE BAZOHITE BABWIRA BAMWE BENEWACU BAHUNGIRIWABO BAHENZWE UKO BAZOBA BABONY,UBURUNDI NIGISAGARA CABUJUMBURA