IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkenguzamateka yemeje itegeko ritunganiriza abitura abaganga

Inama nkenguzamateka yemeje itegeko ritunganiriza abitura abaganga

mercredi 28 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Muganga Josiane NIJIMBERE yisunze ibwirizwa shingiro ry’uburundi yashikiije abakenguzamateka bari ngaho ibijanye n’iryo tegeko, avuga ko ririmwo iringanizwa ry’ibikoresho vyo kwa muganga, iringanizwa rijanye no gufungura neza hamwe n’iringanizwa rijanye n’itunganywa ry’amagara y’abantu.

Umushikiranganji NIJIMBERE yamenyesheje ko umuntu wese ahuye n’impanuka ko bamushikanye kw’ivuriro yokwakirwa atakirinze gusabwa nk’uko vyahahora, amafaranga y’ingwati.

Abakenguzamateka babajije ibijanye no kunwa itabi ko bibujijwe kurinwa kandi ko dusanzwe dufise ishirahamwe ririhingura, baravuga n’intara zimwe zimwe ziririma nka Kayanza, Cibitoke, Kirundo, n’ahandi. Umushikiranganji w’amagara y’abantu yashikirije ko bibujijwe, asaba ko ababijejwe bofashanya mu kurituza ku neza y’amagara y’abantu kandi ko amashirahamwe arihingura agiye gutozwa amatagisi y’umurengera.

Muvyo basavye, mu ntumbero yo kugarukira abarwayi bivanye n’uko bakirwa nabi ku mavuriro atandukanye, ko umuganga wese bomuha ikimuranga « badge », amazina n’ico akora kandi vyanditse mu kirundi ku buryo yigenjeje nabi imbere y’umurwayi ashobora kumushengeza, basavye kandi ko bomanika ku mavuriro yose amategeko agenga abarwayi n’ivyo barekuriwe, ikindi basavye, n’uko vuba hoboneka ihinguriro ry’imiti mu gihugu c’uburundi.

Ivyo biheze, itegeko ryaciye ritorwa ijana kw’ijana n’abakenguzamateka.


Callixte NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.