IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkenguzametaka yemeje integuro y’itegeko risubiramwo itegeko (...)

Inama nkenguzametaka yemeje integuro y’itegeko risubiramwo itegeko mpanavyaha

vendredi 10 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’ubutungane Aimé Laurentine Kanyana niwe yagiye kuri uwu wa gatanu gusigurira abakenguzamateka imvo n’imvano y’iyo mpinyanyuro y’iryo tegeko mpanavyaha, yavuze ko iyo nteguro izofasha kuduza ibihano vy’ivyaha bimwe bimwe biboneka ko vyimonogoje, gutopomora neza ivyaha bijanye no kugurisha abantu, gukosora utunenge turi mw’itegeko rijanye no kugwanya igiturire.

Aimé Laurentine Kanyana yashikirije kandi ko iryo tegeko rizofasha kugira abasinzikaza ubuzima bw’ibitungwa bashobore guhanwa n’amategeko, guhana abanywa hamwe n’abakora inzoga zitemewe n’amategeko, guhana abiba ibiterwa mu mirima, guhana abasegerereza mu mabarabara, guhana abatunga ibigwanisho bito bito hamwe n’uko abahinga bazotegerezwa kurahira imbere ya sentare imbere y’uko bakora ivyo biyemeje.

Umukenguzameteka yatowe mu ntara ya Ruyigi, Bede NDINZEMENSHI yasavye ko hotegurwa integuro y’icaha gihana abarozi hamwe no kugarukana icaha c’urupfu kuko hacibonekeza abantu bica abantu, hama bakaza gufungwa, nk’uko umengo nta kintu bakoze.

Umushikiranganji Aimé Laurentine Kanyana yagize ati : “Igihano co gupfa n’ico kwitondera kuko hariho uwushobora kwica umuntu bitumwe n’uko agwaye mu mutwe. Igihambaye n’ukwigisha abantu kwigenza neza kandi igihano co gupfa twaragikuye ntitwoza dusubira inyuma”.

JPEG - 162.7 ko
Aimée Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane

Ku bijanye n’ugutegura icaha gihana abagirizwa uburozi, uwo mushikiranganji w’ubutungane yagize ati : “Igihambaye n’ukwigisha abantu uko twiyumvira no gukura mu mutwe ivyiyumviro vy’uburozi, ariko icofasha kurusha murivyo n’uko umuntu yozana ivyemeza vy’ukuri ko yatewe ubwoba n’umuntu ko azororwa kugira ahanwe kuko bifata nko gutera ubwoba umuntu”.

Inyuma yo kwihweza no gutosora utunenge turi muri iyo nteguro y’iryo tegeko, ryaciye ryemezwa ijana kw’ijana n’abakenguzamateka 33 bari bitavye hamwe n’abakenguzametaka 5 bari batumye.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.